Ku cyumweru, Gicurasi 01, 2016 isaha yo mu karere 17:31

    Umunyemali wo Muri Afrika y’epfo Azoha Igice c’Amatungo Yiwe Ishirahamwe Rijejwe Gufasha

    Patrice Motsepe, Umunyemali Akomeye Muri Afrika y'epfoPatrice Motsepe, Umunyemali Akomeye Muri Afrika y'epfo
    x
    Patrice Motsepe, Umunyemali Akomeye Muri Afrika y'epfo
    Patrice Motsepe, Umunyemali Akomeye Muri Afrika y'epfo
    VOA Africa
    Patrice Motsepe, umunyemali akomeye, wo mu gihugu ca Afrika y’epfo, yatangaje kw’azoha ishirahamwe rijejwe gufasha, igice c’amatungo y’umuryango wiwe.

    Patrice Motsepe, afise isosiyete icukura ubutare, “African Rainbow Minerals”, yatangaje imigambi y’ukwifatanya n’abandi, mu mugambi w’ugufasha, “Giving Pledge”,  watangujwe na Bill Gates, yashinze isosiyete, Microsoft, hamwe n’umuyemali akomeye, ku  vyerekeye imitahe w’umunyamerika, Warren Buffet, kugira bitume abantu batunze kurusha abandi kw’isi batanga, n’ibimburimburi igece c’amatungo yabo.

    Patrice Motsepe n'umwe mu bantu batunze cane rwose, mu karere ka Afrika.

    Ikinyamakuru gifise icicaro muri Amerika, Forbes, gitangaza kw’amatungo yiwe, afise agaciro kagera ku miliyardi zibiri n’imiliyoni amajana atandatu na mirongo itanu z’amadolari.

    Motsepe, afise Isosiyete icukura ubutare, “African Rainbow Minerals”,  yatangaje kw’azoha igice c’amatungo yiwe, ishirahamwe rijejwe gufasha, “ Motsepe Foundation”, Motsepe n’umupfasoni wiwe bashinze, mu mwaka w’1999, kugira rifashe Abanya Afrika y’epfo batishoboye.

    Mw’itangazo, Motsepe yavuze kw’amafranga azoha iryo shirahamwe, azokoreshwa mu gutuma ubuzima bw’abanyagihugu bwisununura, harimwo abantu bafise ubumuga, abatagira akazi, n’abakumiwe mu gihugu.
    uru rubuga rurafunze
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga