Uko wahagera

Intumwa y’Amakungu muri Syria Ivuga kw’Ico Gihugu Kiriko Kirasambuka


Ibiziga vy'Abantu Batowe mu Ruzi mu Gisagara ca Aleppo
Ibiziga vy'Abantu Batowe mu Ruzi mu Gisagara ca Aleppo
Intumwa y’amakungu, ku vyerekeye amahoro, Lakhdar Brahimi, yaragabishije urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, kw’igihugu ca Syria kiriko kirasambuka, mu gihe amakungu ariko arorera.

Abaserukira ibihugu vyabo, Brahimi yaciriye ku mayange, ku vyerekeye igihugu ca Syria, bavuze ko Brahimi yabwiye kandi abagize urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, kw’ingwano imaze amezi mirongo ibiri n’abiri, mu gihugu ca Syria, n’abantu ibihumbi mirongo itandatu bamaze gupfa, vyageramiye bikomeye Reta ya prezida Bashar al-Assad.

Ivyo Brahimi yabitangaje, ejo ku musi wa kabiri, amasaha makeyi inyuma yuko ibiziga vy’abantu mirongo itandatu na batanu, canke barenga, bitowe mu ruzi, mu gisagara ca Aleppo.

Benshi mu bapfuye bavurwa ko bari abagabo bafise imyaka mirongo ibiri n’imyaka mirongo itatu, amaboko yabo yari aboshwe, abategetsi bakaba bavuga ko barashwe.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Syria, The Syrian Observatory for Human Rights, ryarasohoye amasanamu ya video, ku kibanza ca internet, ejo ku musi wa kabiri, ryerekana ibiziga bitari bike iryo shirahamwe, rivuga ko bakuwe mu ruzi Queweik, mu gice ca Bustan al-Qasr, mu gisagara ca Aleppo.

Ishirahamwe, The Syrian Observatory for Human Rights, ryamenyesheje kw'ivyerekeye uwakoze ubwo bwicanyi, bitari bitomoye.

Inteko za Reta y’igihugu ca Syria, n’abagwanya ubutegetsi, bose bagirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu, ko bakora ubwicanyi bukanije, mu ngwano mu gihugu ca Syria.
XS
SM
MD
LG