Uko wahagera

Umurwi al-Shabab Wariyitiriye gitero ca Bombe mu Gisagara ca Mogadisho


Australia's Tim Cahill, left, watches as Netherlands' Ron Vlaar clears the ball during the group B World Cup soccer match between Australia and the Netherlands at the Estadio Beira-Rio in Porto Alegre, Brazil.
Australia's Tim Cahill, left, watches as Netherlands' Ron Vlaar clears the ball during the group B World Cup soccer match between Australia and the Netherlands at the Estadio Beira-Rio in Porto Alegre, Brazil.
Umurwi w’intagondwa z’AbaIslamu, al-Shabab, wariyitiriye igitero ca bombe c’umwihevyi, cabereye ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho ejo ku musi wa kabiri, cahitanye abantu babiri canke barenga, harimwo umwihevyi yagize ico gitero.

Uwo mwihevyi yaturikije amabombe kw’ibarabara riri hafi y’ibiro vya prezida, inyubakwa y’umushikiranganji wa mbere n’ibiro bijejwe umutekano w’igihugu.

Itangazo ku kibanza ca internet c’umurwi al-Shabab, ryamenyesheje kw’ico gitero ca bombe cahitanye abajejwe umutekano indwi.

Abategetsi ba Somalia bavuga k’uwo mwihevyi yiyishe yongera ahitana umusirikare, mu gihe abandi basirikare batatu bakomeretse.

Ambassaderi w’igihugu c’Ubwongereza muri Somalia, Matt Baugh, yariyamirije ico gitero ca bombe, akaba yarashigikiye Reta ya Somalia.

Prezida wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamed ntiyari ku murwa mukuru, Mogadisho, igihe ico gitero ca bombe c’umwihevyi caba, mu gihe umushikiranganji wa mbere, Abdi Frah Shirdon Saaid avurwa kw’ataco yabaye.
XS
SM
MD
LG