Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama yasavye Abanyamerika Gufatira Hamwe Ingingo z’Ugutorera Inyishu Ibabazo Biraje Ishinga Abanyamerika


Prezida wa Amerika, Barack Obama Ariko Ararahizwa n'Umucamanza Mukuru wa Sentare Nkuru ya Amerika, John Roberts
Prezida wa Amerika, Barack Obama Ariko Ararahizwa n'Umucamanza Mukuru wa Sentare Nkuru ya Amerika, John Roberts
Prezida wa Amerika, Barack Obama, yasavye kw’abanyamerika, bofatira ingingo hamwe, zigenewe gutorera inyishu ibibazo bitari bike, biraje ishinga Abanyamerika, mu gihe yatanguye ikiringo kigira kabiri, c’ukuyobora Amerika.

Prezida Obama, yarahiye icese, ejo ku musi wa mbere, ku ngazi z’inyubakwa y’inama nshingamateka, mu gihe abantu ibihumbi amajana n’amajana bakoraniye, mu kibanza ca Mall, cegereye ahabereye ibirori vy’ukurahira, aho bazungagije amabendera ya Amerika, bongera baha impundu prezida wa Amerika, agira uwa mirongo ine na kane.

Mw’ijambo ryiwe, ahejeje kurahira, prezida Obama ,yaravuze, ku burenganzira bw’ibwirizwa nshingiro rya Amerika, ku bijanye n’ubuzima, ubwigenge, hamwe nuko umuntu wese yoshobora gushikira ivyo yifuza.

Yamara prezida Obama yavuze ko Amerika ikwiriye gufata intumbero nshasha, ku bibazo bishasha kugira Abanyagihugu bose baronke umutekano n’agateka ngenderwako.

Prezida Obama kandi yatangaje ko Amerika itemera kw’amahoro arama kw’isi asaba ingwano yamizako.

Prezida, Obama yatangaje ko Amerika ishigikiye demokrasi kw’isi.

Abantu baje kurorera ibirori vy’ukurahira kwa prezida Obama naho bari ibihumbi amajana n’amajana, bari bakeyi, umuntu abagereranije n’abantu baje kurorera ibirori vy’ukurahira kwiwe, mu mwaka w’2009, igihe abantu bagera hafi y’imiliyoni zibiri, baza kurorera ukurahira kw’umuprezida wa Amerika wa mbere w’umwirabure.

Ukurahira kwa prezida Obama, ejo ku musi wa mbere, vyahuriranye n’umusi w’akaruhuko, wahariwe kwibuka Martin Luther King Jr.
XS
SM
MD
LG