Uko wahagera

Abantu Mirongo Ibiri na Batatu Bari Bagizwe Imbohe Barishwe Muri Algeria


Bamwe mu Bakozi Batabawe
Bamwe mu Bakozi Batabawe
Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, bwatangaje, kw’uruhagarara, rwatewe n’abagwanyi banyuruje abantu mu gihugu ca Algeria rwarangiye, abagizwe imbohe mirongo ibiri na batatu ,n’abagwanyi mirongo itatu na babiri bishwe.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati, bwatangaje, ejo ku musi wa gatandatu, kw’inteko zijejwe umutekano, zashoboye kubohoza abanyamahanga ijana n’indw,i bari bagizwe imbohe,hamwe n’AbanyaAlgeria amajana atandatu na mirongo umunani na batanu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’igihugu ca Algeria, APS, ryatangaje kw’inteko zidasanzwe z’ico gihugu, zinjiye mu kibanza gihingura gaz, mu gitondo c’ejo ku musi wa gatandatu, mu gitero ca nyuma, ku bagwanyi b’AbaIslamu bari bagize imbohe, abantu batari bake bakora, muri ico kibanza.

Ubufransa bwarashigikiye ukugene igihugu ca Algeria cavyifashemwo, ku vyerekeye ico kibazo, ejo ku musi wa gatandatu, mu kuvuga ko yari inyishu ikwiriye, kubera bitashoboka kuganira n’abagira iterabwoba, batagira umutima.

I Washington, Prezida Barack Obama, yarasohoye itangazo, rivuga kw’Abanyamerika, mu vyiyumviro n’ibisabisho vyabo, bari kumwe n’imiryango y’abapfuye. Yariyamirije abanyuruje abakozi, bo mu kibanza gihingura gaz, mu gihugu ca Algeria, akaba yatangaje ko aribo bagirizwa abapfuye.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu c’Ubwongereza, Philip Hammond, n’umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi wa Amerika, Leon Panetta, baraganiye ivyerekeye inyuruzwa ry’abantu bakora, mu kibanza gihungura gaz, mu gihugu ca Algeria, mu kiganiro bahaye, abamenyeshamakuru I Londres, mu Bwongereza ku musi wa gatandatu.

Hammond yatangaje kw’abagira iterabwoba aribo bonyene, babazwa abishwe.
Abanyamerika batari bake, bari mu bagizwew imbohe
XS
SM
MD
LG