Ku wa gatatu, Gashyantare 10, 2016 isaha yo mu karere 10:40

    President Obama Mu Mabanga Yo Kurongora Igihugu

    Kw’igenekerezo rya 21 ry’uku kwezi kwa mbere, president Barack Obama azorahira mu mabanga yo gusubira kurongora igihugu.

    Pamphile GasanaPamphile Gasana
    x
    Pamphile Gasana
    Pamphile Gasana

    izindi ngingo bifitanye isano

    Abanyagihugu baharurwa mu maliyoni bazoba bishikiye imbere y’inyubakwa ya Congres ya Amerika, aho bitegekanijwe ko president Barack Obama azorahira mu mabanga yo kurongora igihugu mu kiringo ciwe ca kabiri, arico ca nyuma.

    Abajejwe gutunganya ivyo birori vy’akataraboneka, bagize imisi barorera ukuntu imyimenyerezo y’abazogira uruhara mur’ivyo birori.

    Bitegekanijwe ko president Obama ashikiriza ijambo rikomeye, akongera akagaragaza  intumbero hamwe n’imigambi ya reta yiwe.

    Abahinga bakwirikirana politike ya reta zunze ubumwe za amerika bavuga ko naho bibaza kw’azoshobora kurangura imigambi yiwe yose yishinze, ngo ibintu ntizokworoha, kuko hari ibibazo bitari bike vy’ubutunzi hamwe n’imibano, bitaratorerwa umuti gushika ubu:

    Twaraganiye n’abarundi b’abanyamerika baba muri reta zunze ubumwe za amerika, bakwiririkiranira hafi  politike ya Amerika, bafise kandi n’umugambi wo kwishikira mur’ivyo birori, aho bukera, Pamphile Gasana hamwe na Jean Berchmans Manirakiza:

    Tutege amatwi:
    Jean Berchmans Manirakiza na Pamphile Gasana mu kiganiro Dusangire Ijambo
    Jean Berchmans Manirakiza na Pamphile Gasana mu kiganiro Dusangire Ijamboi
    || 0:00:00
    ...    
     
    X
    uru rubuga rurafunze
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga