Uko wahagera

AbaKurde Batatu, Baraganduwe I Paris.


AbaKurde barishwe i Paris
AbaKurde barishwe i Paris

Abo baKurde Batowe, bapfuye ku musi wa kane.

Abategetsi bo mu Bufaransa, basanze abafore batatu b’aba Kurde, barimwo uwatanguye umurwi w’abagwanyi bigumuye mu gihugu ca Turkiye, barashwe I Paris ku murwa mukuru, ejo ku musi wa kane: ubwicanyi umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe intwaro yo hagati, avuga kw’arigandagurwa.

Abapolisi bavuga kw’imivyimba y’abo bagore batatu yarimwo insoro, imbere y’ibiro vy’’abaKurude bijejwe gutangaza amakuru.

Bavuga kandi kw’umwe mur’abo bagore, ari Sakine Cansiz, yari yatanguje umuhari witwa Kurdish Workers’ Party canke KKK: umurwi ugwanira ubwigenge bw’abaKurde mu gihugu ca Turkiya.

Umugore agira kabiri yagandaguwe, ni Frida Dogan afise imyaka 32 ; akorera ivyo biro bijejwe gutangaza amakuru I Paris, kandi aserukira umugambwe w’abaKurde ufise icicaro I Buruseri mu gihugu c’Ububirigi.

Umugore yagandaguwe agira gatatu ni Leyla Soylemez avugwa ko yahora aharanira ineza y’abaKurde. Abapolisi batangaje ko batanguye itohozaa.

Umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe ingwaro yo hagati, Manuel Valls, yaragendeye ikibanza, abo bafasoni bagandaguriwemwo ejo ku musi wa kane, araheza avuga kw’ubwo bwicanyi budashobora kwihanganirwa.
XS
SM
MD
LG