Uko wahagera

Agahembo Abashingamateka Bo Muri Kenya Bihaye


Umunyagihugu yiyamiriza imisharaha y'abashingamateka
Umunyagihugu yiyamiriza imisharaha y'abashingamateka

Abashingamateka bo muri Kenya baraye biyaye agahembo katagir uko kangana.

Ejo ku musi wa kane, baratangaje ko batoye ingingo yo kwiha agahembo bita Bonus k’amadolari ibihumbi 110 umwumwe: umushahara umunyaKenya asanzwe, yofata mu myaka irenga 80.

Inama nshingamateka igizwe n’abategetsi 222, yemeje iyo ngingo yo kwiha agahembo mu nama yabaye ku musi wa gatatu mw’ijoro, yamara iyo ngingo yatangajwe ejo ku musi wa kane.

Turetse ako gahembo bihaye, abashingamateka baratoye kandi ingingo ibaha ubundi burenganzira, burimwo abasirikare bitwaje ibigwanisho bacungera ubuzima bwabo; ibitabo vy’inzira diplomatique hamwe n’uburenganzira bwo kwinjira mu kibanza c’abantu bakomeye VIP, ku kibanza c’indege.

Abo bashingamateka, baratoye kandi ingingo yo gutekerera president Mwayi Kibaki agiye mu karuhuko ko mu zabkuru. Umushingantahe Kibaki, yari yankirije ingingo yo guha agashimwe abashingamateka mu kwezi kw’icumi, akaba yari yavuze ko biteye kubiri n’amateko kandi bitumvikana ukuntu hotanwga agashimwe, igihugu kiri mu bukene ntangere.
XS
SM
MD
LG