Uko wahagera

Abantu Bane Barapfuye mu Mpanuka y’Indege ku Murwa Mukuru w’Uburusiya, Moscou


Ibisigarira vy'Indege Yagize Impanuka Hanze y'Umurwa Mukuru w'Uburusiya, Moscou
Ibisigarira vy'Indege Yagize Impanuka Hanze y'Umurwa Mukuru w'Uburusiya, Moscou
Indege itwara abantu y’igihugu c’Uburusiya, yaranyereye isambukira mw’ibarabara rukuru, hanze y’ikibuga c’indege co ku murwa mukuru, Moscou, ejo ku musi wa gatandatu, mu vyahitanye abantu bane, ku bantu umunani, bakora muri iyo ndege.

Iyo ndege, yakorewe mu gihugu c’Uburusiya, TU-204, yari itahutse ivuye muri Republika y’Aba Czech, igihe yariko igeregaza kwururukira, ku kibuga c’indege ca Vnukovo. Inyuma yuko inyereye, ikarengana inzira yayo, iyo ndege yaracitsemwo ibice.

Abategetsi batangaje kw'abandi bantu bane, bakora muri iyo ndege, bakomeretse, muri iyo mpanuka.

Nta bandi bantu bari muyi iyo ndege, igihe yagira iyo mpanuka.

Itohoza ku catumye iyo mpanuka iba ririko riraba.

Iyo ndege, TU-204, yakozwe mu myaka y’1990.
XS
SM
MD
LG