Uko wahagera

Nelson Mandela Yaravuye mu Bitaro


Nelson Mandela
Nelson Mandela
Igihugu ca Afrika y’epfo, catangaje ko Nelson Mandela, yahoze ayoboye Afrika y’epfo, yavuye mu bitaro, imisi cumi n’umunani, inyuma yuko yakiwe, mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria, kugira yivuze.

Abategetsi ba Afrika y’epfo ,bavuga kw'azobandanya kwitabwaho, ari I muhira iwe, ahitwa Houghton, ku nkengera z’igisagara ca Johannesburg, gushika akire neza.

Nelson Mandela, muri iki gihe afise imyaka mirongo icenda n’ine, yakiwe mu bitero vyo mu gisagara ca Pretoria, kw’italiki umunani z’ukwezi kw’icumi na kabiri. Abategetsi b’igihugu ca Afrika y’epfo bavuga ko yavuwe amahaha.

Mw’itangazo, ku musi wa kabiri, prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, yamenyesheje kw’amagara ya Mandela, yari ameze neza kurushiriza.
XS
SM
MD
LG