Uko wahagera

Ishirahamwe Mpuzamakungu O-N-U, Ryarakuye Abakozi Baryo Badakenewe Cane mu Gihugu ca Centrafrique.


Prezida w'Igihugu ca Centrafrique, Francois Bozize
Prezida w'Igihugu ca Centrafrique, Francois Bozize
Abakozi b’ishirahamwe O-N-U, n’imiryango yabo, bagera ku majana abiri, babaye barimurwa, ejo ku musi wa gatatu, naho hari ibimenyetso kw’abagwanya ubutegetsi batazoja ku murwa mukuru, Bangui.

Umuvuguzi w’urunani rw’abagwanya ubutegetsi, Seleka, Colonel Narkoyo, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igifransa, ejo ku musi wa gatatu, umusi umwe inyuma yuko abagwanya ubutegetsi bafashe ikindi gisagara, mu buraruko bw’igihugu ca Centrafrique, ko bazoguma mu birindiro vyabo.

Colonel Narkayo yavuze kw’urunani rw’abagwanya ubutegetsi, Seleka, ruzoja mu biganiro, mu gihugu ca Gabon, mu vyasabwe n’abategetsi b’ibihugu, vyo mu karere, yamara yatangaje kw’ivyo bizoba niyo inteko za Reta zaguma, mu bibanza zirimwo.

Abagwanya ubutegetsi bwa Centrafrique, bo mu runani , Seleka, bafashe hafi y’ibisagara cumi, kuva batanguye ibitero vyabo, haraheze imisi cumi n’itandatu, bakaba, muri iki gihe, bari mu biri musi y’ibilometero amajana atatu, umuntu avuye ku murwa mukuru wa Centrafrique, Bangui.

Abantu baragize imyiyerekano hanze ya Ambassades z’Ubufransa na Amerika, ejo ku musi wa gatatu, aho biyamirije intambwe abagwanya ubutegetsi bariko bareta bagira.

Abari mu myiyerekano, barateye amabuye kuri Ambassade y’Ubufransa, bongera baraturira idarapo y’Ubufransa.
XS
SM
MD
LG