Uko wahagera

Noel y’Umwaka w’2012 Yaranzwe n’Ibisabisho Vyerekeye Amahoro n’Ukugandarira Abahitanywe n’Ubwicanyi


Papa Benedicto Ashikiriza Imisa ya Noel mu Kibanza ca Basilique St. Pierre , i Vaticano, Ejo ku Musi wa Kabiri, Italiki 25 z'Ukwezi kw'Icumi na Kabiri, Umwaka w'2012.
Papa Benedicto Ashikiriza Imisa ya Noel mu Kibanza ca Basilique St. Pierre , i Vaticano, Ejo ku Musi wa Kabiri, Italiki 25 z'Ukwezi kw'Icumi na Kabiri, Umwaka w'2012.
Umusi mukuru wa Noel warahimbajwe ejo ku musi wa kabiri mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Muri uwu mwaka uwo musi mukuru ukaba waranzwe n’ibisabisho vyerekeye amahoro n’ukugandarira abantu bakiri bato bahitanywe n’ubwicanyi hakoreshejwe inkoho.
Papa Benedict yarasavye ejo ku musi wa kabiri kw’AbanyaSyria bogira amahoro, igihugu aho ingwano yishe abantu ibihumbi n’ibihumbi, benshi muribo abasivile.

Mw’ijambo yashikirije abari baje mu bisabisho mu kibanza ca Basilique ST. Pierre I Vaticano, Papa Benedict yasavye kandi ko hoba amahoro mu gihugu ca Mali, aho abagwanyi bakorana n’umurwi al-Qaida bafashe igice c’igihugu, no muri Nigeria aho iterabwoba ry’intagondwa z’Aba Islamu ryahitanye abantu amajana n’amajana.

Abantu bavuye mu bice bitandukanye vyo kw’isi barakoraniye mu gisagara ca Bethlehem mu ntara ya Cisjordaniya guhimbaza Noel mu kibanza aho Abakrtistu bemera ko Yezu ariho yavukiye.

Musenyeri w’Umukatolika, Foud Twal yasavye AbanyaPalestina gukorana n’AbanyaIsrael kugira bahagarike amatati asa n’ayatarangira muri iyo ntara.

Muri Reta Zunze Ubvumwe za Amerika, Ama bougies mirongo ibiri n’atandatu yarakijwe mu gisagara ca Newtown mu ntara ya Connecticut mu kwibuka abantu bagandaguwe kw’italiki cumin a zine z’ukwezi kw’icumi na kabiri kw’ishule ry’abana bakiri bato muri ico gisagara.
.
XS
SM
MD
LG