Uko wahagera

Igihe Cari Congerejwe Ku Matora Mu Gihugu ca Ghana Cararangiye


Umuntu Yariko Aratora mu Gihugu ca Ghana
Umuntu Yariko Aratora mu Gihugu ca Ghana

Umusi ugira kabiri, akaba ariwo wa nyuma w’amatora, wararangiye, mu gihugu ca Ghana, aho ivyambere bivuye mu matora, vyerekana ko pezida Johan Dramani Mahama, yegeranye, mu matora, n’umukandida ari imber,e mu batavuga rumwe na Reta, Nana Akufo-Addo.

Ikiringo c’amatora, carongerejwe gushika, ejo ku musi wa gatandatu, mu bibanza bimwe bimwe vy’amatora ,inyuma yuko habaye ibibazo, vyatumye bamwe mu Banya Ghana badashobora gutora, ku musi wa gatanu. Igikorwa c’uguharura amajwi, caratanguye, mu bibanza vy’amatora, aho amatora yari aherahejwe.

N’amatora ,ya mbere, aho igihugu ca Ghana ,cakoresheje ubuhinga bushasha, mu gikorwa c’ukwandika abatora.

Umuntu aretse amatora y’umukuru w’igihugu, Abanya Ghana barahisemwo kandi abashingamateka, amajana abiri na mirongo irindwi na batanu, aho umugambwe wa prezida Mahama, National Democratic Congress ufise ibibanza vyinshi.

Uwo bahiganwa Akufo-Addo, ari mu mugambwe New Patriotic Party, watsinzwe n’amajwi makeyi na prezida yitavye Imana, John Atta Mills, mu mwaka w’2008.,

Muri rusangi amatora y’ejo ku musi wa gatandatu yagenze neza
XS
SM
MD
LG