Ku cyumweru, Ukwakira 26, 2014 isaha yo mu karere 00:05

Inama Rusangi y’Ishirahamwe Mpuzamakungu O-N-U Yaremeje Ukwisununura kw’Igihagararo c’Abanyapalestina mw’Ishirahamwe O-N-U

Abanyapalestina Bariko Barahimbaza Ukwisununura Kwabo mw'Ishirahamwe O-N-U.Abanyapalestina Bariko Barahimbaza Ukwisununura Kwabo mw'Ishirahamwe O-N-U.
x
Abanyapalestina Bariko Barahimbaza Ukwisununura Kwabo mw'Ishirahamwe O-N-U.
Abanyapalestina Bariko Barahimbaza Ukwisununura Kwabo mw'Ishirahamwe O-N-U.
VOA Africa
Inama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, yaratoye n’amajwi menshi cane, kwemeza Igihugu ca Palestina, ko kizoba gifise uburenganzira  bw’ugukwirikirana ibikorwa vy’ishirahamwe O-N-U, mu bitazoba biri ka burorerezi, yamara kitazoba kiri, mu muryango w’iryo shirahamwe .

Harabaye akamwemwe, mu nama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu,  inyuma yuko iyo ngingo yemejwe, ejo ku musi wa kane, n’amajwi ijana na mirongo itatu n’umunani ku majwi icenda, mu gihe ibihugu mirongo ine na kimwe, vyihojeje gutora.

Abanyapaletina, mu ntara ya Ramallah, mu ntara ya Cisjordaniya, barerekanye akamwemwe kenshi cane, aho bagwanye mu nda, bongera bavuza amahoni y’imodoka, inyuma y’ingingo y’ukwemera Abanyapalestina, nk’igihugu gishobora gukwirikirana ibikorwa vy’ishirahamwe O-N-U mu bitari ka burorerezi, yamara kitari mu muryango w’ibihugu bigize ishirahamwe O-N-U.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon, yatamngaje, kw’iyo ngingo, yerekana igikorwa cihutirwa ,c’ugusubira kubandanya ibiganiro vy’ukuri, hagati ya Israel n’Abanyapalestina.

Yasavye impande zose, gusubira kwiyemeza, ku veyerekeye amahoro, aciye mu biganiro.

Yamara intumwa ya Amerika mw’ishirahamwe O-N-U, Susan Rice, yavuze kw’iyo ngingo ibabaje, kandi ko itazoshika, kuvyo abantu biteze, mu kuvuga kw’ishiraho intambamyi kurushiriza, mu nzira y’amahoro.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga