Ku wa gatandatu, Gashyantare 06, 2016 isaha yo mu karere 02:05

    Abashingamateka bo Mu Mugambwe w’Abarepublika Batangaza ko Susan Rice Yatanze Amakuru Atariyo Ku Vyerekeye Igitero co Mu Gisagara ca Benghazi

    Ambassadeur wa Amerika Mw'Ishirahamwe Mpuzamakungu, O-N-U, Susan RiceAmbassadeur wa Amerika Mw'Ishirahamwe Mpuzamakungu, O-N-U, Susan Rice
    x
    Ambassadeur wa Amerika Mw'Ishirahamwe Mpuzamakungu, O-N-U, Susan Rice
    Ambassadeur wa Amerika Mw'Ishirahamwe Mpuzamakungu, O-N-U, Susan Rice
    VOA Africa
    Abasenateri batatu b'Abarepublika, bo muri Amerika, batangaje ko bataranyurwa, ku vyashikirijwe na Ambassaderi wa Amerika, mw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Susan Rice, ku vyerekeye igitero cihaye inkumbi, cagizwe kuri Consulat ya Amerika, mu gisagara ca Benghazi, mu gihugu ca Libya.

    John McCain, wo mu ntara ya Arizona, Lindsey Graham, wo mu ntara ya South Carolina, na Kelly Ayotte, wo mu ntara ya New Hampshire, barashiirije amajambo, inyuma y’inama yabaye, mu mwiherero, ejo ku musi wa kabiri, na Susan Rice, ashobora kugenwa kuba Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika.

    Abo bashingamateka batangaje ko Susan Rice yahaye amakuru atariyo abizi Abanyaamerika, ku gitero cabaye kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icenda, cahitanye Ambassadeur wa Amerika, Christopher Stevens, n’abandi Banyamerika batatu.
     
    Umushingamateka, Kelly Ayotte, wo mu ntara ya New Hampshire, yatangaje ko vyagaragara, inyuma y’ico gitero, kw’abakiguizemwo, uruhara bakorana n’umurwi al-Qaida.
    uru rubuga rurafunze
    Ibitekerezo
         
    nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga