Uko wahagera

Imyiyerekano y’Ukwiyamiriza Ingingo ya Prezida w’Igihugu ca Misiri Yarabaye I Cairo


Abanyamisiri Bariko Biyamiriza Ingingo ya Prezida Mohamed Morsi y'Ukwiha Ububasha Burengeye
Abanyamisiri Bariko Biyamiriza Ingingo ya Prezida Mohamed Morsi y'Ukwiha Ububasha Burengeye
Abadashigikiye Reta y’igihugu ca Misiri, baragize imyiyerekano, mu gihugu, ejo ku musi wa kabiri, mu myiyerekano y’ukwiyamiriza akigoro ka prezida yavuye mu matora, Mohamed Morsi, k’ukhwiha ububasha bukomeye bushasha.

Abapolisi bararashe imyuka ibabaza mu maso, ku bari mu myiyerekano, bariko batera amabuye, hafi y’ikibanza ca Tahrir Square, ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo.

Abashigikiye n’abadashigikiye prezida Morsi, baratanye mu mitwe kandi, mu buraruko bw’umurwa mukuru, Ciro, ku musi w’imyiyerekano ikomeye cane, kuva prezida Morsi asohoye, ku musi wa gatanu, ingingo igenewe gukomeza ubutegetsi bwiwe.

Abatavuga rumwe an Reta y’igihugu ca Misiri, basavye kw’ingingo prezida Morsi yafashe, ku musi wa gatanu, ifutwa. Bagirije prezida Morsi kw'ariko yiha ububasha bufatiye ku gahotoro, nk’ububasha bw’uwo yasubiriye, Hosni Mubarak.
XS
SM
MD
LG