Uko wahagera

Umunyamisiri, Mohammed ElBaradei Yasavye Prezida w’igihugu ca Misiri, Gukuraho Ububasha Burengeye Urugero Yihaye


Prezida wa Misiri Mohamed Morsi,
Prezida wa Misiri Mohamed Morsi,
Umunyamisiri akomeye aharanira demokrasi, Mohammed ElBaradei yasavye prezida w’igihugu ca Misiri, Mohamed Morsi gukuraho ububasha burengeye urugero yihaye kugira ntibitume uruhagarara rwiyongera mu gihugu ca Misiri ciyukeyeko intwaro y’agahotoro yari imaze igihe kirekire mu gihugu ca Misiri.

Ivyo Mohammed ElBaradei, yatsindiye agashimwe kitiriwe Nobel yabitangarije imbere y’abantu bari bakoraniye ejo ku musi wa gatandatu mu kibanzaca Tahrir Square kiri hagati ku murwa mukuru, Cairo kwiyamiriza amategeko ya prezida Mohamed Morsi atuma aba hejuru y’inzego z’ubutungane kandi akingira abamushigikiye mu nama nshingamateka.

Urwego rukuru rwerekeye ubutungane mu gihugu ca Misiri, rwariyamirije ayo mategeko aha ububashaburengeye prezida Morsi. Mw’itangazo basohoye ejo ku musi wa gatandatu, abacamanza bagize urwo rwego bavuze ko ingingo ya prezida Morsi igeramiye mu buryo butari bwabe imbere yaho ubwigenge bw’inzego z’ubutungane.

Imyiyerekano mu kibanza ca Thahrir Square ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Cairo, yarabandanije ku musi ugira kabiri, mu vyatumye inteko zijejwe umutekano zirasa imyuka ibabaza mu maso ku bari mu myiyerekano. Imyiyerekano yatanguye ku musi wa gatanu, umusi umwe inyuma yuko prezida Morsi atangaje kw’ingingo ziwe zidashobora gusubirwamwo n’amasentare canke ubunsi butegetsi ubwaribwo bwose.
XS
SM
MD
LG