Uko wahagera

Amasezerano y’uguhagarika Ingwano Hagati ya Israel na Gaza Yaragiye mu Ngiro


Abanyapalestina Bariko Bahimbaza Amasezerano y'Uguhagarika Ingwano Hagati ya Israel n'Intara ya Gaza mu Gisagara ca Gaza City, kw'Italiki 21mu Mwaka w'2012.
Abanyapalestina Bariko Bahimbaza Amasezerano y'Uguhagarika Ingwano Hagati ya Israel n'Intara ya Gaza mu Gisagara ca Gaza City, kw'Italiki 21mu Mwaka w'2012.
Amasezerano y’uguhagarika ingwano, hagati ya Israel n’intara ya Gaza, yahagarikiwe n’igihugu ca Misir,i yaragiye mu ngiro, ejo ku musi wa gatatu mw’ijoro.

Abanyagaza baragiye mu mabarabara, inyuma yuko ayo masezerano atanguye kuja mu ngiro, kurasa mu kirere, mu birori vy’uguhimbaza ayo masezerano, kwarumvikanye.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Scott Bobb, yatangaje, ari mu gisagara ca Gaza City, ko bisa nuko ibitero vy’indege z’ingwano z’igihugu ca Israel vyahagaze.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu ca Misiri, Mohammed Kamel Amr, yatangaje, ivyerekeye ako gahengwe, I Cairo, ari kumwe na Secerteri wa Departement ya Reta ya Amerika, Hillary Clinton, musi y’amasaha abiri, imbere y’ikiringo c’uko ingwano ihagarikwa, bishirwa mu ngiro, isaha zitatu zo mw’ijoro.

Amasezerano y’uguhagarika ingwano, asaba impande zose guhagarika imishamirano, n’ukwugurura ibice vy’intara ya Gaza, vyegeye urubibe, kugira abantu n’ibindandazwa bishobore kurengana.

Hazoba hari ikiringo c’amasaha mirongo ibiri n’ane, y’ugushira mu ngiro, amasezerano y’uguhagarika ingwano. Igihugu ca Misiri kizoraba abazorenga kuri ayo masezerano, ku mpande zose.

Amasezerano y’uguhagarika ingwano, yashitsweko inyuma y’amasaha atari make y’ibiganiro bikomeye, vyarimwo Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, Hillary Clinton, n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon.

Hillary Clinton yavuze kw’ako gahengwe, ari igihe gikomeye mu karere.
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:14 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG