Ku wa kane, Ugushyingo 27, 2014 isaha yo mu karere 17:49

Abantu Baba Mu Ntara Za New York Na New Jersey Bahanganye n’Igihuhusi Gishasha

Ababa New york na New Jersey Baratoye Naho Bari Bahejeje Kugeramirwa n'Igihuhusi, SandyAbaba New york na New Jersey Baratoye Naho Bari Bahejeje Kugeramirwa n'Igihuhusi, Sandy
x
Ababa New york na New Jersey Baratoye Naho Bari Bahejeje Kugeramirwa n'Igihuhusi, Sandy
Ababa New york na New Jersey Baratoye Naho Bari Bahejeje Kugeramirwa n'Igihuhusi, Sandy
VOA Africa
Abantu baba mu ntara za New York na New Jersey biteguriye ibindi bihe bibi mu gihe igihuhusi kirimwo umuyaga n’ibarafu bita neige muri rurimi rw’igifransa biriko bija muri ako karere kakiriko karahangana n’inkurikizi z’igihuhusi gikomeye Sandy casinzikaje ako karere.

Mu gihe ico gihuhusi gishasha kidafise inguvu nk’iz’igihuhusi Sandy, abakwirikira ivyerekeye ibihe bavuga kw’ico gihuhusi ciswe, “Nor’easter’ kirimwo imiyaga n’imvura bikomeye muri ako karere na neige nyinshi.

Igisagara ca New York carugaye ama parks n’ibice vyegereye ibahari, ico gisagara kikaba categetse abakozi bakora mu gisata c’ukwubaka kuva mu bibanza biberamwo ibikorwa vy’ukwubaka.

Abantu barakuwe mu bibanza bine  abantu bivurizamwo mu gisagara ca New York , mu gihe abategetsi bo mu gisagara ca New Jersey bategetsi ababa mu bisagara bibiri vyegereye amazi kuja mu bice bihanamye.
uru rubuga rurafunze
Ibitekerezo
     
nta gitekerezo kiratangwa kuri uru rubuga. Ba uwa mbere kugira icyo utangaza kuri uru rubuga