Uko wahagera

Impari Za Politike Za Nyuma Mu matora Muri Amerika


President Barack Obama na Mitt Romney, igihe c'impari za Politike zigira kabiri
President Barack Obama na Mitt Romney, igihe c'impari za Politike zigira kabiri

President Barack Obama hamwe n’umurepublika Mitt Romney bahiganwa, bamaze umusi w’ejo ku wa mungu, bariko bariyamamaza.

Abo bategetsi bari kumwe n’abahanuzi babo bakuru, mur’iki gihe bariko baritegurira impari zabo za politike bahava bagira kuri television, uyu musi ku wa mbere.

Izo mpazi zija kumara iminota 90 uyu musi ku wa mbere mu ntara ikomeye cane ya Florida iriko iragwanirwa n’abo bategetsi, zibaye hasigaye indwi zibiri gusa, ngo amatora ategekanijwe kw’igenekerezo rya gatandatu ry’ukwezi kwa cumi na rimwe, abe.

Izo mpari nizo karyo ka nyuma, abanyamerika bafise imbere y’ayo matora, ko kwirabira ukuntu abanyapolitike bahiganwa, bahangana amaso mu yandi, ku vyerekeye imigambi bariko barashikiriza.

Naho ikibazo c’ubutunzi, arico cavuzwe cane mu matora yo mur’uyu mwaka, izo mpari z’uyu musi, zizoba zerekeye ahanini, imigenderanire ya Amerika n’amakungu.

Umushingantahe Romney hamwe n’abarepublika bamushigikiye, ntibahengeshanya mu kunebagura president Obama ku kuntu reta yiwe yavyifashe mu kwezi guheze, inyuma y’aho habereye igitero kuri consulat ya amerika mu gihugu ca Libia.

Ico gitero cabaye kw’igenekerezo rya 11 ry’ukwezi kwa cumi na rimwe, carahitanye ubuzima bwa ambassaderi w’umunyamarika, Christopher Steven hamwe n’abandi banyamerika batatu.

Program nucleaire y’igihugu ca Irani, nayo nyene, yaravuzwe cane mur’izo mpari, aho umushingantahe Romney avuga ko reta ya president Obama, itakariye cane reta ya Irani, kandi itashigikiye bimwe bimwe biboneka, igihugu ca Israeli.

President Obama arega umushingantahe Romney kw’ariko akoresha ico gitero cabereye mu gihugu ca Libya, ku mvo za politike.

Arongera akavuga ko yafatiye igihugu ca Irani ibihano bikomeye cane, mu gihe kandi reta zunze ubumwe za amerika zakoranye cane n’igihugu ca Israeli mu vyerekeye umutekano.

President Obama yaravuze cane igikorwa ntangere yaranguye mu kugwanya iterbwoba, harimwo igitero cahitanye ubuzima bwa Osama Bin Laden.
XS
SM
MD
LG