Uko wahagera

Abagwanya Ubutegetsi muri Syria Barafashe Igice Kiri ku Rubibe n’Igihugu ca Turkiya


Abagwanya Ubutegetsi muri Syria
Abagwanya Ubutegetsi muri Syria
Abagwanya ubutegetsi, mu gihugu ca Syria, barafashe ikibanza kigira gatatu, kiri ku rubibe n’igihugu ca Turkiya, inyuma y’ingwano ikomeye n’inteko za Reta, mu gihe ugutana mu mitwe kwabandanije mu bisagara bibiri bikomeye vya Aleppo na Damas.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Elizabeth Arrot, yatangaje, ejo ku musi wa gatatu, ari ku murwa mukuru w’igihugu ca Syria, Damas, kw’umuntu yashobora kubona umwotsi wirabura uduga mu kirere uvuye mu bice vy’umurwa mukuru vyariko biberamwo ingwano. Ababa muri ivyo bice bakaba batekewe n’ubwoba.

Mu kibanza ca Tal Abyad, kiri ku rubibe, hagati ya Syria na Turkiya abantu bakoresha mu kwinjira mu gihugu ca Turkiya, abagwanya ubutegetsi baratabuye ibendera ry’igihugu ca Syria, mu gihe abategetsi b’igihugu ca Turikiya bihutiye kwugara ako karere n’ukubuza abantu kugerageza kwinjira muri Syria, bavuye muri Turkiya.

N’irya mbere inteko zigwanya Reta ya Syria zifata ikibanza kiri ku rubibe na Turkiya, mu ntara ya al-Raqqa, igice kinini caho cari cagumye gishigikiyeb ikomeye Reta.
XS
SM
MD
LG