Uko wahagera

Abanyalibiya bishimiye urupfu rwa Kadafi


Abanyalibiya bishimiye urupfu rwa Kadafi
Abanyalibiya bishimiye urupfu rwa Kadafi

Habaye ibiroli mu mpande zose za Libya, aho abayobozi b’inteko y’igihugu y’agateganyo, bamariye kuvuga ko uwahoze ari umuyobozi wa Libya Moammar Kadafi yishwe kandi ko ab’ibyegera bye batawe muri yombi cyangwa nabo bishwe.

Abayobozi b’inteko y’igihugu y’agateganyo ya Libya, bavuze ko Moammar Kadafi yiciwe mu mirwano yo kwigarulira umujyi wa Sirte avukamo. Ministri w’intebe w’akanama k’inzibacyuho ka Libya Mahmoud Jibril niwe wemeje urupfu rwa Kadafi mu kiganiro yagiranye n’abanyamakuru i Tripoli.

Bwana Jibril yavuze ko abanyalibya bategereje icyo yise “umunsi w’amateka”. Yavuze ko ipereza ku rupfu rwa Kadafi n’uwamwishe, ririmo gukorwa. Amashusho ya video yerekanye ibyakorewe umurambo wa Kadafi uri ku butaka kandi usa nk’aho nta myenda iriho, yagaragaye ejo ku manywa kuwa kane.

Nyuma y’aho za televisiyo z’icyarabu zerekanye ishusho isa n’iya Kadafi akimara gufatwa akiri muzima kandi ashyamiranye n’abari bamuri iruhande. Ayo mashusho yakwiriye muri yasobanuye ko atababajwe n’uko Kadafi yishwe, aho kugirango ahabwe ubutabera mu rukiko.

Mu mujyi wa Benghazi, abantu ibihumbi biraye mu mihanda, aho kwivumbura kuri Kadafi byatangiliye hashize amezi icyenda. Iyicwa rya Kadafi nyuma y’amezi abiri yiruka ahunga ndetse n’ifatwa ry’umujyi wa Sirte bihinduye byinshi mu rugamba akanama k’inzibacyuho rulimo, rugengura igihugu cyose.

Abayobozi b’ako kanama k’inzibacyuho bavuze ko ifatwa ry’umujyi wa Sirte rizatuma haba amatora, guverinema nshya n’itegeko nshinga rishya, mu gihugu cyayobowe n’umuntu umwe rukumbi mu myaka irenga 40.

Ifatwa ry’umujyi wa Sirte Kadafi avukamo, ni intsinzi kuko itumye abaturage bari mu burengerazuba bahuzwa n’abo mu burasirazuba bw’igihugu.

Umviriza inkuru twateguriwe na Etienne Karekezi

Tukivuga kuri iyicwa ry’uwahoze ari umuyobozi wa Libya Muammar Kadafi, Etienne Karekezi afatanije na Assumpta Kaboyi bavuganye na bamwe mu banyarwanda bari I Kigali mu Rwanda basobanura uko bakiriye iyicwa rya Kadafi.

Gadhafi na Reta Zunz’ Ubumwe Za Amerika

Moammar Gadhafi yafashe ubutegetsi kw’ igenekerezo rya mbere z’ ukwezi kw’ icenda mu 1969, akoze coup d’ etat yatembagaje intwaro ya cami y’ umwami wa Libya Idris, ico gihe yari mu mahanga aho yari yagiye kwivuza. Mur’ iyo coup d’ etat nta maraso yasesetse.

Bruce St John yanditse ibitabu indwi kuri Libya, avuga ko mu ntango y’ intwaro ya Gadhafi, imigenderanire hagati ya Gadhafi na reta zunz’ ubumwe za Amerika ahanini yarimeze neza.

Bruce St John ati: mu myaka ya mbere inyuma yaho yafata ubutegetsi, Gadhafi yashimikira cane ku bumwe bw’ ibihugu vy’ abarabu, ku bwigenge bw’ ibihugu vy’ abarabo. Ati mu myaka ibiri canke itatu ya mbere eka no gushika mu 1974, har’ abantu muri reta ya Amerika biyumvira ko twashobora gukorana nawe na reta yiwe. St John ati, mu nyuma niho Ghadafi yatanguye gukoresha uburyo bw’ iterabwoba mu karere k’ uburaruko bwa Afrika no mu karere k’ ibihugu vy’ abarabu, ati mu nyuma no kw’ isi hose.

Abantu bihweza ibintu n’ ibindi bavuga ko mu myaka y’ 1970, Gadhafi yageregaje kwunga ubumwe hagati ya Libya n’ ibindi bihugu vy’ abarabu, yamara ivyo vyabaye impfagusa. Abahinga bavuga ko kuv’ ico gihe ariho Gadhafi yaciye atangura gufasha amashirahamwe reta z’ ibihugu bimwe zavuga ko yar’ amashirahamwe y’ iterabwoba nk’ umuhari IRA wo muri Irlande n’ umuhari wa Abu Nidal.

Imigenderanire hagati ya reta y’ I Washington na reta y’ I Tripoli yagiye gutosekara cane rwose ku ntwaro ya presida wa Amerika Reagan. St John avuga ko ivyo vyabaye cane cane kubera ibitero bibiri: kimwe cabaye mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 1985 ku bibuga vy’ indege vy’ I Roma na Vienne, ikindi cakozwe mu kwezi kwa kane mu 1986 igihe abasirikare b’ abanyamerika babiri bicwa aho ikibombe caturika mu nyubakwa abasirikare b’ abanyamerika bakunda kuja gutambiramwo I Berlin mu Budagi.

Reta zunz’ ubumwe za Amerika zemeza ko Gadhafi na reta yiwe bagize uruhara mur’ ivyo bitero.

Mu kwezi kwa kane mu 1986, indege z’ ingwano za Amerika zarateye mu bisagara vya Benghazi na Tripoli harimwo n’ inyubakwa ya Gadhafi.

Mu nyuma haciye imyaka, abantu bikekwa ko bar’ abakozi bar eta ya Libya barashize ikibombe mu ndege y’ abanyamerika yaturikiye mu birere vya Lockerbie, abantu 270 barahahoneye, benshi muri bo bar’ abanyamerika.

Abantu bihweza ibintu n’ ibindi bavuga ko 2003 Gadhafi yahinduye ingendo ibintu bitari vyitezwe. Ubwa mbere, yaremeye kuriha indishi imiryango y’ abantu bishwe mu ndege ya PanAm. Ubwa kabiri yatangaje ko igihugu ca Libya gihagaritse imigambi yaco yo guhingura ibigwanisho ruhonyanganda.

Mu mwaka w’ 2006, reta zunz’ ubumwe za Amerika zarasubiriye kugirana imigenderanire na Libya.

Ubu, reta zunz’ ubumwe za Amerika zaremeye ko reta y’ imfatakibanza nshasha ya Libya ariyo reta y’ igihugu ca Libya yemewe.

Twumvirize iyi nkuru yateguwe na Marie Claire Maniragaba ku miberanire ya Gadhafi na Reta Zunz’ Ubumwe Za Amerika

Abanyalibiya bishimiye urupfu rwa Kadafi
Abanyalibiya bishimiye urupfu rwa Kadafi

Crossfire: Urupfu Rwa Moammar Gadhafi

Moammar Gadhafi yahoze ar’ umutegetsi w’ igihugu ca Libya yaramaze amezi ari mu kinyegero kuva aho ingwano yo muri Libya itanguriye, yishwe. Inteko za reta y’ imfatakibanza nshasha ya Libya zari zimaze igihe zigwanira igisagara c’ amavuko ca Gadhafi Sirte, ejo zarashoboye gufata ico gisagara mur’ ico gihe akaba ariho Gadhafi yicwa mu ngwano yariko iba hagati y’ inteko zari zimushigikiye n’ inteko za reta y’ imfatakibanza zafashijwe cane mur’ iyo ngwano yo muri Libya n’ ishirahamwe OTANI.

Mur’ iki gihe rero Gadhafi yishwe, har’ abibibaza niba izo nteko za OTANI zizoca ziva muri Libya buno nyene canke zizogumayo. Hari n’ abibaza ingaruka urwo rupfu rwa Gadhafi ruzogira ku bihugu vyo muri Afrika aho yafashije cane.

Umviriza Marie Claire Maniragaba n'umushingantahe Achille Barancira mukiganiro Crossfire

XS
SM
MD
LG