Ibirori vy’ukwugurura izo nkino biracasigaje igihe kirenga indwi, yamara abanonotsi ba mbere n’abazogendera igisagara ca Londres mu kiringo c’inkino mpuzamakungu, baratanguye gushika ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Londres, Heathrow.
Abanonotsi bava mu bihugu mirongo itanu barashitse kuri ico kibuga c’indege ejo ku musi wa mbere.
Abakozi amajana n’amajana bari kuri ico kibuga c’indege kworohereza abantu bari bagize imirongo miremire, mu vyageramiye ikibuga c’indege ca Heathrow, mu kiringo c’amezi atari make.
Gukingira inkino mpuzamakungu z’I Londres, nico gikogwa cerekeye umutekano, co mu gihe c’amahoro, gikomeye cane rwose ku gihugu c’Ubwongereza, muri iki gihe