Uko wahagera

Ihagarikwa ku Kibuga c'Indege ry'Umurundi Aba m'Ububirigi


Jean Marie Rurimirije, umurundi aba mu gihugu c'Ububirigi yararengukijwe imbere y'ugwego gw’igiporisi rujejwe kugwanya ibiturire, ku wa mbere igenekerezo rya mirongo ibiri ukwezi kw’umunani.

Jean Marie Rurimirije yari yahagaritswe ku musi w'Imana ku mugoroba, yururutse indege ku kibuga c'indege ca Bujumbura. Igiporisi cariko kiramusaka camusanganye amafaranga angana n'ibihumbi mirongo itanu n'atanu vy'amadorari y'Abanyamerika, n'igihumbi c'amafaraga y'abanyaburaya. Ayo mafaranga yarateye amakenga abaporisi bajewe kugwanya ibiturire. Igihe c'isaha zitandatu z'ijoro niho yarekurwa, aca asabwa kwitaba bukeye.

Ku wa mbere Jean Marie Rurimirije yarisiguye ku vyerekeye ayo mahera, avuga aho yayakuye n'ico agiye gukora. Uwo mubonano wakozwe mu mwiherero, mu nyuma ahava ararekurwa. Insiguro yatanze kur'ayo mahera, yavuze ko afise imigambi myinshi mu Burundi.

Mu Burundi, Jean Marie Rurimirije, asanzwe yaruguruye ishirahamwe ryo kuziganya n'ukuguranana (MUTEC). Mu ntango iryo shirahamwe ryakora neza cane, ariko ryagiye riragira ingorane y'amafaranga. Jean Marie Rurimirije avugwa ko yari umugenzi akomeye wa Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe CNDD-FDD.

XS
SM
MD
LG