Uko wahagera

Umuyobozi wa Radio y'Abanyagihugu RPA Yaratahutse


Umuyobozi wa radiyo y'abanyagihugu RPA, Alexis Sinduhije, yaratahutse inyuma y'amezi umunani yari amaze mu buhungiro mu gihugu c'Ubuholandi. Alexis Sinduhije yahunze inyuma y’aho abereye uwa mbere mu kuvuga ko umukuru w'umugambwe CNDD-FDD w'ico gihe, Hussein Radjabu, afadikanije n'abandi bakozi bo mu mugambwe n'abo mu biro vy'iperereza, bateguye kubeshera abantu ko bateguye gutembagaza inzego z’igihugu, kugirango babate mu munyororo.

Abantu indwi, harimwo uwahoze ari umukuru w'igihugu, Domitien Ndayizeye barapfunzwe. Mu nyuma abamenyeshamakuru babiri ba Alexis Sinduhije barapfunzwe kuko babandanije gutohoza iyo nkuru, bafadikanije n'abayobozi b'amaradiyo Bonesha na Isanganiro, kuko nabo nyene baciye batohoza iyo nkuru bagasanga Alexis Sinduhije yavuga ukuri. Ubutungane bwarakoze akazi bujejwe mu kiringo c'amezi arenga atanu, buca bwambika izera abari bapfunzwe n'abari barahunze.

Twobamenyeshe ko n'umuyobozi wa radiyo Bonesha yari yarahungiye mu gihugu c’Ubuganda nawe nyene aherutse gutahuka. Abo bamenyeshamakuru bose batahutse inyuma y’aho abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bakuye Hussein Radjabu. Batahutse kandi mu gihe umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza,
ariko agendera amaradiyo n'ibinyamakuro. Aho aciye hose abemerera ko bagiye gukorana neza, kandi ko azoborohereza muvyo bakora. Hari n’abo yemereye kuronsa uburyo.

XS
SM
MD
LG