Uko wahagera

Impanuka y’indege Itwara Abantu muri Congo Yahitanye Abantu Batanu


Republika iharanira Demokrasi ya Congo
Republika iharanira Demokrasi ya Congo
Abategetsi, muri Republika iharanira Demokrasi ya Congo, muri iki gihe, bavuga kw’impanuka y’indege itwara abantu, mu buseruko bw’igihugu, yahitanye abantu batanu, inyuma yuko amakuru y’imbere yaho, amenyesheje kw’igitigiri c’abantu bapfuye, cari kirengeye ngaho cane.

Abategetsi b’igihugu ca Congo, batangaje kw’abantu batatu, canke barenga, barokotse iyo mpanuka y’indege itwara abantu, Fokker, igihe yagira isanganya, ejo ku musi wa mbere, mu gice kibamwo abantu, mu gisagara ca Goma, umurwa mukuru w’intara ya Kivu yo mu bureruko.

Abategetsi b’igihugu ca Congo, imbere yaho, babwiye abamenyeshamakuru, kw’abantu miringo itatu, canke barenga bapfuye, muri iyo mpanuka.

Iyo ndege, yari igiye, mu gisagara ca Goma, ivuye mu gisagara ca Lodja, kiri hagati mu gihugu, igihe yakoroka.

Amakuru atangwa n’igipolisi, yatangaje kw'abarokotse iyo mpanuka, bariko bavurwa mu bitaro.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, muri Congo, alexander Essome, yabwiye Ijwi rya Amerika, kw’akarere iyo ndege yagiriyemwo impanuka, karangwa n’ibihe bibi, igihe iyo mpanuka yaba.
XS
SM
MD
LG