Uko wahagera

Igihugu ca Chad Catangaje ko Cishe Umutegetsi Akomeye w’Umurwi al-Qaida Agira Kabiri mu Buraruko bwa Mali


 Mokhtar Belmokhtar, umutegetsi akomeye w'umurwi al-Qaida mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko yishwe ejo ku musi wa gatandatu mu buraruko bwa Mali
Mokhtar Belmokhtar, umutegetsi akomeye w'umurwi al-Qaida mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko yishwe ejo ku musi wa gatandatu mu buraruko bwa Mali
Igihugu ca Chad, catangaje kw’inteko zaco, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, zishe Mokhtar Belmokhtar, umurwanyi akorana n’umurwi al-Qaida, yiyitiriye igitero cagizwe, mu kibanza gihingura gaz naturel, mu gihugu ca Algeria, mu ntango z’uyu mwaka.

Itangazo ry’igisirikare, ryasomwe kuri televiziyo y’igihugu, ryamenyesheje ko Belmokhtar yishwe ,ejo ku musi wa gatandatu, igihe abasirikare b’igihugu ca Chad bafata ikibanza c’abarwanyi, mu mitumba yo mu buraruko bw’igihugu ca Mali, hafi y’urubibe n’igihugu ca Algeria. Ivyerekeye iyicwa rya Belmokhtar ntivyemejwe n’amakuru yigenga.

Inkuru yerekeye urupfu rwa Belmokhtar, yaje amasaha mirongo ibiri n’ane, inyuma yuko prezida w’igihugu ca Chad, Idris Deby, atangaje kw’inteko z’igihugu ca Chad zishe, uwundi mutegetsi akomeye w’umrwi al-Qaida, Abdelhamid Abou Zeid, ayoboye ishami ry’umurwi al-Qaida, mu karere ko muri Afrika yo mu buraruko.

Niyo iyicwa rya Belmokhtar na Abou Zeid vyemezwa, inteko ziyobowe n’Ubufransa, zigwana, mu buraruko bw’igihugu ca Mal,i zizoba zizimanganije abategetsi bakomeye babiri, b’umurwi al-Qaida, mu karere ko mu buraruko bwa Mali, mu kiringo c’indwi imwe.
XS
SM
MD
LG