Uko wahagera

Abantu Mirongo Itandatu Na Batatu Barishwe Mu Gitero Ca Bombe Mu Gihugu Ca Pakistani


Igipolisi c’igihugu ca Pakistani, catangaje kw’abantu mirongo itandatu na batatu bishwe, abandi bagera ku majana abiri barakomereka, mu gitero ca bombe, carondera aba Shi’ites, mu bumanuko bushira uburengero, bw’igihugu ca Pakistani.

Umutegetsi akomeye w’igipolisi yatangaje ko bombe yaturikijwe, ejo ku musi wa gatandatu, mu gice kigwiriyemwo aba Shi’ites, mu gisagara ca Quetta.

Yamenyesheje ko benshi mu bapfuye, n’abakomeretse, bari aba Shi’ites, kandi kw’abapfasoni n’abana bari mu bishwe.

Umuvugizi w’umurwi w’aba Sunnis, Lakshar-e-Jhangvi, yatangaje kw'uwo murwi wiyitiriye ico gitero ca bombe.

Ico gitero cabaye, ejo ku musi wa gatandatu, nico gitero cihaye inkumbi kurusha ibindi bitero, mu gisagara ca Quetta, kuva ibitero vy’amabombe, vyabaye kw’italiki cumi z’ukwezi kwa mbere, mu gice kigwiriyemwo aba Shi’ites, co muri ico gisagara, bihitanye abantu mirongo icenda na babiri. Umurwi, Lashkar-e-Jhangvi wariyitiriye ivyo bitero.
XS
SM
MD
LG