Uko wahagera

Aba Cardinaux Bashobora Kuzohura Imbere y’Igihe Kugira Batore Umu Papa Mushasha


Papa Benedicto wa cumi na gatandatu
Papa Benedicto wa cumi na gatandatu
Abategesti b’I Vaticano, batangaje, ejo ku musi wa gatandatu, ko bariko biyumvira kugirisha inama y’aba Cardinaux, kugira batore umupapa mushasha, mu bizoba bibaye imbere y’igihe cari categekanijwe.

Amategeko ahari muri iki gihe, asaba aba Cardinaux, batora umupapa, kubonana kw’italiki cumi na zitanu z’ukwezi kwa gatatu, imisi cumi n’itanu, inyuma yuko Papa Benedicto avuye icese, mu mabanga y’ukuyobora Ekleziya Katolika.

Yamara umuvuguzi wa Vaticano, yatangaje ko kubera aba cardinaux bazi neza italiki Papa Benedicto azovirako, mu mabanga y’ukuyobora Ekleziya Katolika, bashobora gutegura gushika I Rome, imbere y’ico gihe.

Abategetsi ba Ekleziya Katolika, batangaje ko bakeneye umupapa mushasha, imbere y’indwi ihezagiye, izotangura kw’italiki mirongo ibiri na zine, z’ukwezi kwa gatatu, ku musi w’Imana w’ibisandasanda, ikarangira kw’italiki mirongo itatu n’imwe, z’ukwezi kwa gatatu na Pasika.

Papa Benedicto yatangaje, mu ndwi iheze, ko azotanga imihoho mu mabanga y’ukuyobora Ekleziya Katolika ,kw’italiki cumi,na zitanu, z’ukwezi kwa gatatu, kubera impamvu z’amagara.

Niwe mu Papa wa mbere atanze imihoho, mu kiringo c’imyaka amajana atandatu.
XS
SM
MD
LG