Uko wahagera

Reta Zunze Ubumwe Za Amerika Ku Matora Muri Kenya


President Mwai Kibaki wa Kenya
President Mwai Kibaki wa Kenya

Umutegetsi akomeye wo muri Reta ya Amerika, avuga kw’ata munyapoltike n’umwe ariko arahiganwa, reta ya Amerika ishigikiye.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri telephone, icegera ca secreteri wa department ya reta ya Amerika, Johnie Carson yavuze kw’amatora yo mu gihugu ca Kenya ategekanijwe kw’igenekerezo rya 4 ry’ukwezi kwa gatatu, ar’akaryo, ico gihugu gifise ko kwereka amakungu ko demokrasi yatsimbataye mur’ico gihugu.

Yamara abamenyeshamakuru bagumye bamubaza aho reta ya Amerika ihagaze ku kibazo c’abanyapolitike babiri baritoza, bagirijwe ivyaha na sentare mpuzamakungu, bijanye n’ubwicanyi bufatiye ku moko, bwadutse inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’2007.

Umushingantahe Carlson yagize ati: Ukuntu abanyagihugu bazotora kuzogira ingaruka: Mur’iyi myaka turimwo, ibuhugu vyose birakorana, arinaco gituma abanyagihugu bategerezwa kwamiza ku mutima ingaruka, itora ryabo rizogira ku gihugu cabo; ku ntara, ku butunzi, ku banyagihugu hamwe no mu makungu.

Umunyapoltike ariko aritoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, Uhuru Kenyatta hamwe n’umunyapolitike ariko arahiganwa nk’icegera ciwe, William Ruto, bose baragirijwe ivyaha na sentare mpuzamakungu, kandi urubanza rwabo ruriko rurihweza I La Haie.

Bagirizwa ubwicanyi bw’abantu barenga 100, hamwe n’ivyaha vyo kwangaza abandi bantu barenga ibihumbi 300, bategerejwe guhunga ingo zabo.

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora warahaye abo bagabo babiri bikekwako ivyo vyaha na sentare mpuzamakungu, uburenganzira bwo guhiganwa.

Bitegekanijwe ko sentare nkuru yo mu gihugu ca Kenya, izoshikiriza urubanza rwabo mu ndwi iza, arinaco gihe bizomenyekana niba abo bagabo bararenze amategeko ari mw’ibwirizwa shingiro. agenga abategetsi.

Umushingantahe Carlson ntiyagaragaje ingaruka mbi, itorwa ry’abo bategetsi rizogira, ku migenderera ya Amerika n’igihugu ca Kenya.

Yaratangaje ko reta zunze ubumwe za amerika zitateye igikumu ku masezerano ashinga Sentare mpuzamakungu, yamara yavuze ko reta zunze ubumwe za amerika, zishigikiye imigambi y’iyo sentare.

President Obama yarashikirije ubutumwa buciye kuri video mu rurimi rw’icongereza, bwanasiguwe mu rurimi rw’igiswahili, aho yateye akamo igihugu ca Kenya, gasaba gukoresha amatora yigenga kandi abaye ku mugaragaro.

President Obama yagize ati: AbanyaKenya nibo ubwabo, bazokwitorera umutegetsi abarongora. Reta zunze ubumwe za amerika nta munyapoltike n’umwe mu banyapolitike bariko barahiganwa, zishigikiye, yamara zirashigikiye amatora abaye mu mahoro, kandi yerekana ivyipfuzo vy’abanyagihugu.

Umushingantahe Obama yarateye akamo abanyaKenya, kabasa gutorera inyishu, amatati yose ashobora kwaduka inyuma y’amatora, babicishije mu masentare, aho kwihereza amabarabara.
XS
SM
MD
LG