Uko wahagera

Amategeko Agenga Ubwimukire Muri Amerika


Hilaire Ntiganzwa
Hilaire Ntiganzwa

Abashingamateka bo muri reta zunze ubumwe za amerika, bariko barihweza uburyo bwo kunagura amategeko agenga abimukira muri Amerika

Haraheze imyaka itari mike hama hashikirijwe imigambi yo kunagura ayo mategeko yotuma abanyagihugu bashika imiliyoni 11 baba mu muri Amerika mu buryo buteye kubiri n’amategeko, ba ja baronka impapuro zo kuba muri amerika, gushika n’aho baronka ubunyagihugu:

Yamara abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuga ko mur’iki gihe ayo mategeko ashobora kuja yashikirizwa, ngo kuko amatora aheze, yerekanye ko hari umurwi w’abanyagihugu bita abaLatino, bagwiriye cane ku buryo, umugambwe badatatoye, ushobora kutatsinda amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abo banyagihugu basigaye barafise uruhara ruhambaye cane mu matora, nk’uko mugenzi wacu nawe nyene akwirikiranira hafi politike yo muri Amerika, Hilaire Ntiganzwa abivuga:
Tumutege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:23 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG