Uko wahagera

Afrika y’epfo Yarahagaritse Abantu Cumi n’icenda Bikekwa kw’Ari Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23


Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23
Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo bo mu Murwi M23
Igipolisi co mu gihugu ca Afrika y’epfo, carahagaritse abantu cumi n’icenda, bikekwa kw’ari abanywanyi b’umurwi M23, ugwanya ubutegetsi, muri Republika iharanira demokrasi ya Congo.

Abategetsi b’igipolisi ca Afrika y’epfo, batangaje kw’abo bantu bahagaritswe, mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri, mu buraruko bw’ntara ya Limpopo, mu gihugu ca Afrika y’epfo.

Nta makuru arenga ngaho bashikirije.

Vyari bitegekanijwe kw’abo bantu bikekwa kw’ari abanywanyi b’umurwi M23, baseruka muri sentare, mu gisagara ca Pretoria, mu mpera z’umusi w’ejo ku wa kabiri, guhangana n’ivyagirizo bakwirikiranwako.

Umurwi M23, ugizwe n’abagwanya ubutegetsi bari binjijwe, mu gisirikare ca Congo, hizunzwe amasezerano y’amahoro, yateweko igikumu, mu mwaka w’2009.

Baravuye mu gisirikare, mu mwaka uheze, bidoga ko bakumiwe, kandi bafatwa nabi.
.
XS
SM
MD
LG