Uko wahagera

Prezida w’Ubufransa, Francois Hollande Yaragendeye Igihugu ca Mali


Prezida w'Ubufransa, Francois Hollande, ariko arakirwa na Prezida wa Mali, Dioncounda Traore, igihe yashika muri Mali
Prezida w'Ubufransa, Francois Hollande, ariko arakirwa na Prezida wa Mali, Dioncounda Traore, igihe yashika muri Mali
Prezida w’igihugu c’Ubufransa, Francois Hollande, yabwiye AbanyaMali, kw’iterabwoba ryatujijwe, ko yamara ritatsinzwe.

Ari kumwe na prezida w’igihugu ca Mali, Dioncounda Traore, ejo ku musi wa gatandatu, prezida Hollande yatangaje kw’Ubufransa bwatagerejwe gufata ingingo y’ugufasha inteko z’igihugu ca Mali gutuza intagondwa z’Aba Islamu, mu bice zarimwo, mu buraruko bwa Mali.

Prezida Hollande yabwiye abantu bariko bamukomera amashi, ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, kw’inteko z’Ubufransa zagwanye kugira AbanyaMali babeho mu mahoro, bongere bagire demokrasi.

Prezida w’igihugu ca Mali, Dioncounda Traore yarashimiye prezida Hollnade, ku ruhara rw’Ubufransa muri Mali, akaba yagabishije AbanyaMali kutarondera kwihora, ku bitero vy’abagwanyi b’Aba Islamu.

Urugendo, rw’umusi umwe, rwa prezida Holland,e muri Mali, rwabaye indwi zitatu, inyuma yuko Ubufransa butanguye ibikorwa vya gisirikare, mu gihugu ca Mali.
XS
SM
MD
LG