Uko wahagera

Chuck Hagel Yarabajijwe Ibibazo Bikomeye ku Bijanye n’Ukwemezwa Kwiwe


IChuck Hagel Yagenywe na Prezida Barack Obama Kugira Abe Umushikiranganji Ajejwe Kwivuna Abansi wa Amerika
IChuck Hagel Yagenywe na Prezida Barack Obama Kugira Abe Umushikiranganji Ajejwe Kwivuna Abansi wa Amerika
Chuck Hagel, yagenywe na prezida wa Amerika, Barack Obama, kuzoba umushikiranganji mushasha ajejwe kwivuna abansi, yarahanganye, ejo ku musi wa kane, n’abashingamateka, ku bihugu vya Irani na Israel, hamwe n’aho ahagaze, ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu.

Igihe abashingamateka bariko bamubaza ibibazo vy’ukuraba ko yokwemezwa, Hagel yabwiye umurwi ujejwe ivyerekeye igisirikare, muri Senat ya Amerika, ko batofata ingingo z'igihutihuti, kw’ahubwo bokwihweza ivyo yakoze vyose, mu buzima bwiwe.

Chuck Hagel, umusekombata wo mu ngwano yo muri Vietnam, yahawe imidali, akongera akaba yigeze kuba umusenateri, yaranebaguwe ko yashize imbere uburyo bucishije bugufi, ku bijanye n’igihugu ca Irani, n’umugambi w’ico gihugu werekeye ibigwanisho ruhonyanganda, mu gihe atashigikiye bikomeye igihugu ca Israel.

Igihe yariko abazwa ibibazo n’abashingamateka, kugira barebe ko yokwemezwa, mu mabanga y’umushikiranganjai ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Chuck Hagel, yavuze ko yiyemeje gutuma igihugu ca Irani kitaronka ibigwanisho ruhonyanganda, kandi kw’uburyo bwose bw’ukwishura, kuri Irani bwokwihwezwa.

Yongeye avuga kandi kw’azotegerezwa kubona kw’igihugu ca Israel kigumanye ububasha bwaco, mu vyerekeye igisirikare, kurusha ibindi bihugu vyo mu karere.
XS
SM
MD
LG