Uko wahagera

Indege z’Ingwano z’Igihugu ca Israel Zarateye ku Butaka bwa Syria


Ikarata Yerekana Urubibe Hagati ya Israel na Syria
Ikarata Yerekana Urubibe Hagati ya Israel na Syria
Indege z’ingwano z’igihugu ca Israel, zarateye amabombe, ku butaka bw’igihugu ca Syria, ejo ku musi wa gatatu, mu bubaye ubwa mbere, mu kiringo c’imyaka itanu.

Amakuru yerekeye ivyo bitero vy’indege z’ingwano aratandukanye, igihugu ca Israel kikaba ataco cavuze, ku ngingo cafashe.

Abategetsi b’igihugu ca Syria, batangaje kw’indege z’ingwano z’igihugu ca Israel, zarashe ku kibanza c’ubushakashatsi bw’ivyerekeye igisirikare, hafi y’umurwa mukuru Damas, mu vyahitanye abantu babiri, abandi batanu barakomereka.

Ibinyamakuru radiyo ya televiziyo vyo mu gihugu ca Israel, no mu bihugu vy’I Bulaya na Amerika, vyatanze amakuru y’igitero c’indege z’ingwano za Israel, cabereye mu kibanza gitandukanye, hafi y’urubibe hagati ya Syria na Libani, ku modoka zivurwa ko zari zishiriye ibice vy’ama missile umurwi Hezbollah, urwanya bikomeye Israel, ufise icicaro mu gihugu ca Libani.

Amakuru atandukanye yatanzwe, kuri ico gitero ca Israel, ntiyashoboye kwemezwa n’amakuru yigenga, uno musi ku wa kane, ivy’uko habaye igitero kimwe canke ibitero bibiri bitanduknaye ntibitomoye. Igihugu ca Israel kenshi nticemera ko cafashe ingingo za gisirikare z’ukwitanga umwansi, ico gihugu akaba ataco cavuze, ku gitero cabereye muri Syria, ejo ku musi wa gatatu.
XS
SM
MD
LG