Uko wahagera

Umunyemali wo Muri Afrika y’epfo Azoha Igice c’Amatungo Yiwe Ishirahamwe Rijejwe Gufasha


Patrice Motsepe, Umunyemali Akomeye Muri Afrika y'epfo
Patrice Motsepe, Umunyemali Akomeye Muri Afrika y'epfo
Patrice Motsepe, umunyemali akomeye, wo mu gihugu ca Afrika y’epfo, yatangaje kw’azoha ishirahamwe rijejwe gufasha, igice c’amatungo y’umuryango wiwe.

Patrice Motsepe, afise isosiyete icukura ubutare, “African Rainbow Minerals”, yatangaje imigambi y’ukwifatanya n’abandi, mu mugambi w’ugufasha, “Giving Pledge”, watangujwe na Bill Gates, yashinze isosiyete, Microsoft, hamwe n’umuyemali akomeye, ku vyerekeye imitahe w’umunyamerika, Warren Buffet, kugira bitume abantu batunze kurusha abandi kw’isi batanga, n’ibimburimburi igece c’amatungo yabo.

Patrice Motsepe n'umwe mu bantu batunze cane rwose, mu karere ka Afrika.

Ikinyamakuru gifise icicaro muri Amerika, Forbes, gitangaza kw’amatungo yiwe, afise agaciro kagera ku miliyardi zibiri n’imiliyoni amajana atandatu na mirongo itanu z’amadolari.

Motsepe, afise Isosiyete icukura ubutare, “African Rainbow Minerals”, yatangaje kw’azoha igice c’amatungo yiwe, ishirahamwe rijejwe gufasha, “ Motsepe Foundation”, Motsepe n’umupfasoni wiwe bashinze, mu mwaka w’1999, kugira rifashe Abanya Afrika y’epfo batishoboye.

Mw’itangazo, Motsepe yavuze kw’amafranga azoha iryo shirahamwe, azokoreshwa mu gutuma ubuzima bw’abanyagihugu bwisununura, harimwo abantu bafise ubumuga, abatagira akazi, n’abakumiwe mu gihugu.
XS
SM
MD
LG