Uko wahagera

Ababa mu Gisagara ca Tombuktu Barasahuye Ibintu muri ico Gisagara


Inteko z'Igihugu ca Mali Ziriko Zibuza Abantu Gusahura mu Gisagara ca Tombuktu
Inteko z'Igihugu ca Mali Ziriko Zibuza Abantu Gusahura mu Gisagara ca Tombuktu
Ababa mu gisagara ca Tombuktu giherutse guhaburwa mu gihugu ca Mali, barasahuye amamangazini yAbarabu n’AbaTuaregs bikekwa ko bakorana n’intagondwa z’AbaIslamu zahunze ico gisagara mu ntango z’iyi ndwi.

Ivyabona batangaje kw’abasirikare b’igihugu ca Mali baroreye mu gihe abantu bariiko basahura ibintu nka vyose bashobora guterura n’ugutwara. Intagondwa z’AbaIslamu zari zashizeho amategeko akomeye afatiye kw’idini rya Islamu mu gisagara ca Tombuktu, harimwo impuzu abantu bategerezwa kwambara n’ukuziririza umuziki.

Mu gihe abagwanyi bo mu bwoko bw’Aba Tuaregs bari umwe mu mirwi y’Abagwanyi b’Aba Islamu bafashe uburaruko bw’igihugu ca Mali mu mwaka uheze.

Abagwanya ubutegetsi b’Aba Tuaregs badashira imbere idini, baharaniye intara yabo yigenga muri Mali, batangaje ejo ku musi wa kabiri ko bashigikiye igikorwa ca gisirikare c’igihugu c’Ubufransa.

Ejo ku musi wa kabiri kandi, inteko z’igihugu c’Ubufransa na’inteko z’igihugu ca Mali zarasatse inzu ku nzu mu bisagara vya Tombuktu na Gao. Baratoye ibigwanisho n’amabombe vyasizwe n’abagwanyi b’Aba Islamu.

Abantu batanu canke barenga bikakwa bakorana n’abo bagwanyi barafashwe mu gisagara ca Gao.
XS
SM
MD
LG