Uko wahagera

Ababa mu Gisagara ca Gao Barahimbaje Ituzwa ry’Abagwanyi b’AbaIslamu muri Ico Gisagara


Igisagara ca Gao kw'Ikarata y'Igihugu ca Mali
Igisagara ca Gao kw'Ikarata y'Igihugu ca Mali
Ababa mu gisagara ca Gao, mu buraruko bw’igihugu ca Mali, baravugije umuziki mu mabarabara, baratamba, ejo ku musi w’Imana, mu birori vy’uguhimbaza ugusubira kwigarurira ico gisagara, kw’inteko z’Ubufransa, n’inteko z’igihugu ca Mali.

Inteko z’igihugu c’Ubufransa, n’igihugu ca Mali, zasubiye gufata ico gisagara, ku musi wa gatandatu. Ababa mu gisagara ca Gao, barahimbaje umusi wa mbere aho
batategerezwa kwubahiriza amategeko ya Sharia, mu kiringo c’amezi atari make.

Umumenyeshamakuru, w’Ijwi rya Amerika, mu karere ko muri Afrika, yo mu burengero, Anne Look ,ari ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako, yaravuganye n’ababa alimu gisagara ca Gao, kw’itelefone. Bamubwiye kw’abagwanyi b’AbaIslamu binyegeje mu mihana, iri hagati y’ibilometero cumi n’ibilometero cumi na bitanu, hanze y’igisagara ca Gao.

Bamwe mu baba muri ico gisagara bavuga kw’ababa, muri ico gisagara ,bariko bahiga uwariwe wese yakoranye n’AbaIslamu, bari bigaruriye ico gisagara

Muri ico gihe, inteko z’Ubufransa n’inteko z’igihugu ca Mali ziriko zitera zegereza igisagara ca Tombuktu, inyuma y’ikiringo kirenga indwi z’ugutana mu mitwe, n’abagwayi b’AbaIslamu ,bigaruriye uburaruko bw’igihugu ca Mali.

Amakuru atangwa n’igisirikare ca Mali, amenyesha amenyesha kw’inteko z’Ubufransa na Mali, zashitse ku nkengera z’igisagara ca Tombuktu, ata kwivuna kuhabaye kw’abagwanyi b’AbaIslamu.

Igisagara ca Tombuktu kiri mu bibanza ndangamico bikingiwe n’ishirahamwe UNESCO, kirimwo imisigiti itari mike n’ivyibutso bihezagiye, ku ba Islamu b’AbaSufi.

Ibitero vy’indege z’ingwano z’Ubufransa, mw’ijoro ry’ejo ku musi w’Imana, vyarasambuiye ikibanza c’umuyobozi w’umurwi ukorana n’umurwi al-Qaida, mu gisagara ca Kida,l ku bilometero igihugu n’majana atanu, umuntu avuye ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Idrissa Fall, ari mu gihugu ca Mali, yatangaje ko gufata igisagara ca Gao, ari ikintu gikomeye cane, kubera ico gisagara ciziziwe n’imirwi irwanya ubutegetsi.
XS
SM
MD
LG