Uko wahagera

Umurwi Al-Shabab Uragabisha Igihugu Ca Kenya


Abasirikare b'igihugu ca Kenya
Abasirikare b'igihugu ca Kenya

Umurwi Al- Shaba, waraye ugabishije kw’uzokwica AbanyaKenya wagize imbohe.

Uyo murwi witwaje ibigwanisho w’abarwanyi b’abanyaSomalia, watangaje kw’uzokwica abo banyaKenya, ngo mu gihe igihugu ca Kenya, kitokwitaba akamo catewe, kagisaba kurekura abaislamu bapfunzwe, bagirizwa ivyaha vy’iterabwoba.

Abo barwanyi bitwaje ibigwanisho bo mu murwi Al-Shabab, bavuze kw’igihugu ca Kenya gifise gushika itariki 14 z’ukwezi kwa kabiri, kugira ngo kizobe kimaze gukora ivyo casabwe.

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’igihugu ca Kenya bujejwe kwivuga abansi, Bogeta Ongeri yahaye iradiyo Ijwi rya amerika, yavuze kw’azi kw’abanyakenya bane bari mu minwe y’umurwi al-Shabab, barimwo abasivile babiri hamwe n’abasirikare babiri. Yamara yavuze kw’igihugu ca Kenya, kitazoganira n’umurwi al-Shabab.

Yavuze ko reta ya Kenya idahimirizwa, kandi itayaga n’abicanyi. Ivyarivyo vyose ngo mu gihugu cacu, no muri reta yacu, nta mbohe zo mu murwi al-Shabab, ziriho.
Yavuze kw’abanyaSomalia bose bahagaritswe igihe abantu bikekwa ko bakora ibitero vy’iterabwo baterwa, bashikirijwe reta ya Somalia.
XS
SM
MD
LG