Uko wahagera

Umugambi Wo Kubwizanya Ukuri N’Ukurekuriranira


 Fabien Cishahayo
Fabien Cishahayo

Umugambi wo kuvugisha ukuri, kwuzuriza abarundi no kubafasha kurekuriranira urabanya.

Inyuma y’aho inama nshikiranganji irangiije kwemeza integuro y’itegeko rigegnga uyo mugambi wo kubwizanya ukuri hamwe n’ukurekuriranira mu Burundi, inama nkenguzamateka hamwe n’inama nshingamateka bizotegerezwa kwemeza iyo nteguro, imbere y’uko president w’Uburundi Pierre Nkurunziza, ayiterako igikumu, igahinduka itegeko:

Yamara igikorwa kiracari kirekire, kuko umurwi w’abantu 11 bazoba bagize uyo murwi ujejwe kubwizanya ukuri hamwe n’ukurekuriranira, usa n’uwutazohurirwako n’abarundi bose mu buryo bworoshe.

Vyongeye, igikorwa co kuvugisha ukuri naco nyene gisa n’ikitazokworoha, tutanavuze n’ukuntu igikorwa co gutanga indishi n’ugushumbusha abarenganijwe.

Ababarundi batari bake barabandanya gushikiriza ivyiyumviro vyabo vy’ukuntu ivyo bibazo vyose vyotorerwa umuti kugira cane cane abarundi bashimikire ku mugambi wo kwunga ubumwe bushimikiye ku mutima wo kwizerana no kurekuriranira.

Mur’iki kiganiro, twaraganiye na President Sylvestre Ntibantunganya, yahoze arongoye Uburundi hamwe na professeur Fabien Cishahayo, bose bakwiriranira hafi uyo mugambi:
Tubatege matwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:22:31 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG