Uko wahagera

Abafaransa, Baromoye Abarwanyi Muri Mali.


France Mali Fighting
France Mali Fighting

Ibitero vy’indege vy’abasirikare b’igihugu c’Ubufaransa, vyarasubije inyuma abagwanyi b’abaislamu.

Abarwanya ubutegsi baheruka gufata igisagara co mu buraruko bw’igihugu ca Mali. Mur’iki gihe kandi ishirahamwe ryo mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, ryaratanze uburenganzira bwo kurungika abandi basirikare mu gihugu ca Mali.

Abategetsi ejo ku musi wa gatandatu, baratangaje kw’abasirikare b’abaFaransa, bakuye abarwanya ubutetsi mu gisagara ca Konna. Ifatwa ry’ico gisagara mu misi iheze, ryari ryahaye akaryo abarwanya ubutegetsi ko gushika ku birometero 25 vy’igisagara gikomeye co mu buraruko, Mopti, kiri mu minwe ya reta ya Mali.

Umumenyeshamakuru wo mu gihugu ca Mali, yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’abagwanyi b’abaislami barenga 20, bishwe mur’iyo ngwano.

Uyo mumenyeshamakuru yavuze kw’abasirikare b’igihugu ca Mali, aribo mur’iki gihe bari mur’ico gisagara, kandi kw’abagwanyi b’abaiskamu basubiye inyuma mu bisagara vya Bore na Douentza.

Ejo ku musi wa gatandatu kandi, umushikiranganji w’igihugu c’Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean Yves Le Drian, yaratangaje kw’umufransa atwara indege ya kajugujugu yishwe igihe c’ibitero vy’indege vyatanguye ku musi wa gatanu.

Umurwi urwanya ubutegetsi Ansar Dine ufitaniye ubucuti n’umurwi Al-Qaida ukora ibitero vy’iterabwoba, waragabishije kw’uzokwihora ku baFaransa.

President w’igihugu c’Ubufaransa, Francois Hollande, yaciye atanga amategeko yo gukomeza umutekano mu Bufaransa hamwe no gucungera umutekano ku nyubakwa za reta hamwe no gukomeza umutekano mu vyerekeye gutwara abantu n’ibintu.

Ejo ku musi wa gatandatu nyene, ishirahamwe CEDEAO ryo mu mu bihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, ryatanze uburenganzira bwo kurungika bunonyene izindi nteko z’abanyafrika mu gihugu ca Mali gucungera umutekano.
XS
SM
MD
LG