Uko wahagera

Indege za Drones Mu Gihugu Ca Congo


Abategetsi bagize inama mpuzamakungu ijejwe umutekano
Abategetsi bagize inama mpuzamakungu ijejwe umutekano

Ishirahamwe ONU ryaraye risavye indege Drones zitagira abadereva zo gucungera ubuseruko bwa Congo.

Abajejwe igikorwa co gucungera umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu, bariko barasaba inama mpuzamakungu ijejwe umutekano gushigikira ikoreshwa ry’indege zitagira abadereva bita Drone, mu gikorwa co kugenduza intara yo mu buseruko bw’igihugu ca Republika ya Congo Iharanira Demokrasi.

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe gucungera umutekano, Herve Ladsous, yateye ako kamo inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, mu nama yabaye mu mwiherero ejo ku musi wa kabiri, aho yasavye kw’izo ndege Drones zifasha abajejwe gucungera umutekano mu gihugu ca Congo, barenga ibihumbi 17.

Abarwanya ubutegetsi barafashe mu kanya gatoyi igisagara ca Goma kiri mu buseruko mu mwaka uheze, inyuma y’aho bataniye mu mitwe n’abasirikare bajejwe gucungera umutekano hamwe n’abasirikare ba reta ya Congo.

Urwanda, rusangiye urubibe rwo mu buseruko n’igihugu ca Congo, rwaratangaje ko rutewe amakenga n’irungikwa ry’izo ndege za Drones, rukaba rwavuze kw’iyo ngingo izoca ituma inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu zihinduka inteko z’abagwanyi.

Ibihugu bigize ishirahamwe mpuzamakungu birimwo Reta zunze ubumwe za amerika; Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa, birashigikiye uyo mugambi. Umuvugizi w’ibiro biseruka Ubufaransa muri ONU, yaranditse amakuru avuga kw’inteko za ONU zikeneye ibikoresho vyo mu bihe tugezemwo, birimwo indege za Drones, kugira ngo zishobore kuronka makuru nyayo kandi zitange n’inyishu zikwiye.
XS
SM
MD
LG