Uko wahagera

Abarwanya Ubutegetsi Muri Centrafrique Babandanya Gufata Ibindi Bice muri ico Gihugu


Abasirikare ba Reta ya Centrafrique Bariko Bagenzura Amabarabara yo ku Murwa Mukuru, Bangui.
Abasirikare ba Reta ya Centrafrique Bariko Bagenzura Amabarabara yo ku Murwa Mukuru, Bangui.
Amakuru ava mu gihugu ca Centrafrique, avuga kw’abagwanya ubutegetsi, bagize urunani Seleka, bafashe ibindi bisagara bibiri, imisi mikeyi imbere yuko bitegekanijwe ko batangura ibiganiro, n’abategetsi ba Reta ya Centrafrique.

Amakuru atangwa na Reta, n’abantu baba hafi y’igisagara ca Bambari, avuga kw’ivyo bisagara vyafashwe, biri muri ako karere.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, Agence France Presse, ryasubiyemwo umuntu aba, mu gisagara co muri ako karere ca Alindao, avuga kw’ico gisagara cafashwe. Niyo ayo makuru yemezwa, vyoba ari bimwe mu bisagara bitari bike, abagwanya ubutegetsi bwa Centrafrique bazoba bafashe, mu kiringo c’ukwezi kurangiye.

Ayo makuru mashasha atuma haba amazinda, ku biganiro vy’amahoro, bitegekanijwe gutangura, ku musi wa kabiri, I Libreville, ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon.

Ku musi wa gatanu, urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rijejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, rwateye akamo abagwanya ubutegetsi, bariko batera bagana ku murwa mukuru Bangui, guhagarika urugamba rwabo, bakaja mu biganiro bigenewe gutora inyishu iciye mu biganiro, ku bibazo biri mu gihugu ca Centrafrique.

Urunani rw'abagwanya ubutegetsi, Seleka, ruhuza abagwanyi bava mu migwi igwanya ubutegetsi ine, iva mu buraruko bw’igihugu, ivuga ko Reta yasubiye ku masezerano y’amahoro, yo mu mwaka w’2007 no mu mwaka w’2008, yari kuba yatumye abagwanya ubutegetsi bahabwa amafranga kugira bishire ibigwanisho hasi, canke bagashirwa mu gisirikare c’igihugu.

Abarwanya ubutegetsi, bo mu runani, Seleka, bavuze ko prezida wa Centrafrique, Francois Bozize, ategerezwa kuva ku butegetsi.

Prezida Bozize yatangaje ko yifuza gushiraho Reta y’ubumwe, ko yamara azorangiza ikiringo ciwe ca kabiri, kizorangira, mu mwaka w’2016.
XS
SM
MD
LG