Uko wahagera

Reta y’Igihugu ca Centrafrique n’Abayigwanya Barumvikanye ku Biganiro


Ikarata y'Igihugu ca Cnetrafrique
Ikarata y'Igihugu ca Cnetrafrique
Reta y’igihugu ca Centrafrique, n’urunani rw’abagwanya ubutegetsi, bariko batera begereza umurwa mukuru, Bangui, barumvikanye kugirana ibiganiro, atabibanje gusabwa, mu ntango z’ukwezi kuza.

Iryo tangazo ryasohotse, ejo ku musi wa gatandatu, ryaje gatoyi, inyuma yuko ababa mu buraruko bw’umurwa mukuru, Bangui, babwiye Ijwi rya Amerika, kw’abagwanyi, bo mu runani ruzwi kwizina rya ,Seleka, bafashe igisagara ca Sibut.

Reta y’igihugu ca Centrafrique, mu nyuma yaho, yeremeje ifatwa ry’ico gisagara ca Sinut, mu kuvuga kw’ico gisagara, kiri ku birenga ibilometero ijana na mirongo umunani, umuntu avuye ku murwa mukuru, Bangui, cafashwe, ata rusasi na rumwe rurashwe.

Ku musi wa gatanu, Reta ya Centrafrique yarananiwe gusubira gufata igisagara co hafi yaho ca Bambani, kiri mu minwe y’abagwanya ubutegetsi.

Nta taliki yashizweko, ku biganiro.

Abagwanya ubutegetsi bafashe hafi y’icagatatu c’igihugu ca Centrafrique, mu kiringo c’indwi zitatu zirangiye.
XS
SM
MD
LG