Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama Araza Kugirisha Ibiganiro vyo ku Munuta wa Nyuma n’Abayobozi Bakomeye b’Inama Nshingamateka uno Musi ku wa Gatanu


Prezida Barack Obama
Prezida Barack Obama
Ivyo bibaye, mu gihe ikiringo ntarengwako, c’ukwirinda kw’amatagisi aduga, amafranga Reta ikoresha akagabanywa bikomeye, cegereje.

Prezida Obama, aza kubonana, uno musi ku wa gatanu, n’abayobozi b’Abasenateri b’Abademokrate n’Abarepublika, Harry Reid na Mitch McConnell, Umukuru w’inama nshingamateka, John Boehner, n’umuyobozi w’Abademokrate mu nama nshingamateka, Nancy Pelosi.

Hamwe atakwumvikana kwohaba, kw’italiki ya mbere, y’ukwezi kwa mbere, Abanyamerika nkabose, bazobona amatagisi yabo yaduze, mu gihe amafranga Reta ikoreshwa azogabanywa.

Abanonosoye ivyerekeye ubutunzi, bafise ubwoba, kw’ivyo bishobora gutuma ubutunzi bwa Amerika, bucumbagira muri iki gihe, busubira mu bibazo bikomeye.

Abayobozi b’abo mu mugambwe w’Aba Republicains, mu nama nshingamateka, basavye abagize ishami ry’inama nshingamateka ry’Abadapite, gusubira guhura, kuri uyu musi w’Imana, ku mugoroba.

Abagize ishami ry’inama nshingamateka ry’Abadepite, bafashe akaruhuko, mu ndwi iheze, batumvikanye na prezida, ku masezerano y’ukwirinda kw’amatagisi aduga, ku Banyamerika, Amafranga Reta ikoresha nayo akagabanywa bikomeye.

Ishami ry’inama nshingamateka rya Senat, yamara, ryagumye rirangura imirimo yaryo.

Umukuru w’inama nshingamateka, John Boehner, yagirije prezida Obama, kw’adashaka kuigabanya amafranga Reta ikoresha.
XS
SM
MD
LG