Uko wahagera

Abagwanya Ubutegetsi Muri Syria Barafashe Igisagara Cegereye Turkiya


Abagwanya Ubutegetsi bwa Reta ya Syria
Abagwanya Ubutegetsi bwa Reta ya Syria
Abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu mu gihugu ca Syria, batangaje kw’abagwanya ubutegetsi bafashe igisagara ca Harem kiri mu ntara ya Idlib mu buraruko bw’igihugu hafi y’urubibe n’igihugu ca Turkiya, aho batujije nteko za Reta inyuma y’ugutana mu mitwe kwamaze indwi zitari nke.

Abaharanira Demokrasi n’agateka ka muntu batangaje kw’abagwanya ubutegetsi bwa Reta ya Syria bafashe ikibanza ca nyuma c’igisirikare ca Reta mu gisagara ca Herem mu gitondo c’ejo ku musi wa kabiri, mu vyatumye bagura ibibanza bigaruriye mu buraruko bw’igihugu ca Syria hafi y’urubibe n’igihugu ca Turkiya.

Nta makuru yigenga yemeje iyo nkuru kubera Reta ya Syria igeramira igikorwa c’abamenyeshamakuru bo mu mahanga c’ugukwirikirana ibibera muri Syria.

Intumwa y’amakungu ku vyerekeye amahxoro mu gihugu ca Syria, Lkhdar Brahimi yaeabandanije urugendo rwiwe ku murwa mukuru w’igihugu ca Syria, Damas ejo ku musi wa kabiri, aho yabonanye n’abaserukira umurwi utavuga rumwe na Reta wihanganirwa na Reta ya prezida Bashar al-Assad.

Brahimi yarabonanye na prezida wa Syria, Bashar al-Assad ku musi wa mbere aho yerekanye aamakenga ku vyerekeye ingwano muri Syria, akaba atabimenyetso vyuko hari intambwe ziriko zirashikwako yerekanye.
XS
SM
MD
LG