Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w'Ubutaliyano, Mario Monti, Yatangaje kw’Atazohiganwa mu Matora yo Mu Kwezi kwa Kabiri mu Mwaka Uza


Umushikiranganji wa Mbere w'Ubutaliyano, Mario Monti
Umushikiranganji wa Mbere w'Ubutaliyano, Mario Monti
Umushikiranganji wa mbere, vy’agateganyo w’igihugu c’Ubutaliyano, Mario Monti, yatangaje kw'azokwiyumvira ivyasabwe, kw’asubira kuyobora igihugu, yamara yamenyesheje kw’azokwitoza, mu matora yo mu kwezi kwa kabiri.

Monti yabwiye abamenyeshamakuru, ejo ku musi w’Imana, ko hamwe hoba hari abanyepolitike boba bashigikiye imigambi yiwe, bomusaba kuba umushikiranganji wa mbere, ngo muri ico gihe yovyiyumvira.

Monti yatanze imihoho, ku musi wa gatanu ,w’iyi ndwi turangije, inyuma yuko umugambwe wa Silvio Berlusconi, uhagaritse gushigikira Reta, mu bizotuma haba amatora y’imbere y’igihe.

Monti azoyobora vy’agateganyo Reta y’Ubutaliyano, gushika amatora abe.
Mario Monti yize ivyerekeye ubutunzi, akaba yigeze kuba ayoboye ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, yabaye umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, mu kwezi kw’icumi na rimwe, mu mwaka uheze.

Reta yiwe yarashize mu ngingo ingingo zitoroshe, zerekeye ubutunzi, mu kubanya amafranga Reta ikoresha, n’ukuzuda amatagisi, kugira bituma igihugu c’Ubutaliyano cizigirwa kurushiriza, kandi gituma abanyamahanga bazana imitahe yabo, muri ico gihugu.
XS
SM
MD
LG