Uko wahagera

President Mandela, Ariko Avurirwa I Pretoria


Nelson Mandela, afise imyaka 94. Abaganga bo mu gihugu ca Afriak y'Epfo, bavuga kw'ariko aravugwa ingwara y'amahaha, yamusubiye
Nelson Mandela, afise imyaka 94. Abaganga bo mu gihugu ca Afriak y'Epfo, bavuga kw'ariko aravugwa ingwara y'amahaha, yamusubiye

President Nelson Mandela, yarashizwemwo icuma gicishijwe mu kanwa co kumukuramwo utuntu twari mu nda yiwe ejo ku musi wa gatandatu.

Itangazo ryasohowe na presidence y’igihugu ca Afrika y’Epfo, rivuga kw’abaganga bakoreye umushingantahe Mandela afise imyaka 94 mur’iki gihe, ivyo bita endoscopie. Iryo tangazo rivuga kw’ivyo bintu bamukoreye vyagenze neza, kandi kw’umushingantahe Mandela, mur’iki gihe ariko araruhuka.

Uyo mutegetsi yabaye kirangirangiranwa mu kugwanya ya ntwaro karyanishamiryango yahitiye mu gihugu ca Afrika y’Epfo, jinjijwe mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria mu ndwi iheze. Mu ntango, abaganga bari bavuze kw’umushingantahe Mandela yari yasubiye gufatwa n’ingwara y’amahaha.

Itangazo rya nyuma riherutse gusohorwa n’abaganga, rivuga ko bari babonye utwo tuntu tumeze nk’utubuye igihe batangura gupima umushingantahe Mandela, yamara ngo bari bafashe ingingo yo gutangura kumuvura amahaha.
XS
SM
MD
LG