Uko wahagera

Prezida w’Igihugu ca Kenya Yasavye Abanya Kenya Kwiyandikisha Kugira Bazotore.


Prezida wa Kenya, Mwai Kibaki
Prezida wa Kenya, Mwai Kibaki

Urwego rwigenga rujejwe amatora n’imbibe w’igihugu ca Kenya ruri inyuma y’igihe ku vyerekeye kwandika abatora.

Prezida Kibaki yahsikirije ijambo abantu ibihumbi n’ibihumbi ejo ku musi wa gatatu ku kibuga ca Nyayo I Nairobi mu birori vy’uguhimbaza umusi wa Jamhuri, umusi igihugu ca Kenya catangaza catangaza ukwikukira haraheze imyaka mirongo ine.

N’umusi wa nyuma wa Jamhuri Kibaki azohimbaza ari prezida mu gihe kkringo ciwe gitegekanijwe kurangira, kandi adashobora kwitoza mu matora yo mu mwaka uza mu gihugu ca Kenya, ategekanijwe kw’italiki zine z’ukwezi kwa gatatu.

Prezida Kibaki yasavye Abanya Kenya kwiyandikisha kugira batore, mu gihe ikiringo ntarengwako c’ukurangiza kwiyandikisha kizorangira mu misi indwi.

Kibaki yatangaje ko kwiyandikisha gutora bizotuma Abanya Kenya kurangura amabanga bajejwe y’ugutora abayobozi babo.

Urwego rwigenga rujejwe amatora n’imbibe w’igihugu ca Kenya ruri inyuma y’igihe ku vyerekeye kwandika abatora.

Gushka ku musi wa mbere uheze, urwo rwego rwatangaje kw’abantu imilioni umunani n’ibihumbi amajana atandatu biyandikishije, ku bantu imilioni cumi n’umuni bashobora gutora.

Umusi mukuru wa Jamhuri w’ejo ku musi wa gatatu, ibirori vy’ugusezera kuri prezida Kibaki, yamaze igihe kinini c’ijambo ryiwe avuga kuvyo igihugu ca Kenya cashitseko mu myaka cumi yamaze ku butegetsi, harimwo kwongereza igitigiri c’abatanga amatagisi n’ukwongereza igitigiri c’abakoresha ubuhinga bwa internet.

Yatangaje ko kubandanya intambwe zerekeye ubutunzi zimaze gushikwakobizova ku bategetsi b’igihugu ca Kenya bo muri kazoza.

Igihugu ca Kenya muri iki gihe citeguriye kugira intambwe zikomeye kurushiriza ku vyerekeye iterambere, gufata abanyagihugu kimwe, n’ubumwe. Avuga bategerezwa kubandanya muri iyo nzira, n’ukubandanya imigambi yabo y’ukwibaka igihugu ca Kenya gikomeye kurushiriza.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kenya, Raila Odinga ari mu bahiganwa mu matora yo mu mwaka uza, yarahayagije Kibaki ku myaka yamaze mqu mabanga yiwe ya prezida, akaba yasavye Abanya Kenya bose kugirisha amatora arangwa n’amahoro.

Odinga yavuze ko Abanya Kenya bose bategerezwa kugira amatora arangwa n’ubwigenge, atarimwo ubusuma kandi arangwa n’amahoro. Avuga ko kugira bashire mu ngiro ivyifuzo vy’abanyagihugu n’imihango bemereye abanyagihugu bategerezwa gutora ubuyobozi bwizigiwe buzokwubahiriza neza ibwirizwa nshingiro.

Raila Odinga yatsinzwe na prezida Kibaki mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu yabayemwo amatati mu mwaka w’2007. Ayo matora yatumye haba ubwicanyi bufatiye ku bwoko bwamaze indwi zitari nke mu gihugu cose bwahitanye abantu igihugmbi, abandi ibihumbi majana n’amajana barava mu vyabo.

Odinga yabaye umushikiranganji wa mbere muri Reta y’ubumwe yashizweho hisunzwe amasezerano y’ugusangira ubutegetsi mu mugambi w’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Kenya.
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:36 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG