Uko wahagera

Prezida wa Amerika, Barack Obama Araza Kubonana Uno Musi ku wa Kane na Mitt Romney


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barck Obama, afise imigambi y’ugutumira, Mitt Romney, yahiganywe nwe, mu matora ya prezida, aherutse kuba, ku ruhande rw’Abarepublika, kugira bafungure hamwe, mu biro vyiwe, Maison Blanche ,uno musi, ku wa kane.

Bukazoba, ari ubwa mbere bahuye, kuva Obama amutsinze, mu matora ya prezida, yabaye, muri Amerika ,mu ntango z’uku kwezi.

Ibiro vya prezida Obam,a vyamenyesheje ko bazohura, kugira bafungure hamwe, aho abajejwe gutangaza amakuru batazoba barekuriwe kuba ariho bari.

Kimwe mu bibazo biza kuganirwa gishobora kuba cerekeye ibibazo bikomeye bishobora gushika, hamwe Prezida Obama n’inama nshingamateka batokwumvikana ku mafranga Reta ikoresha, n’ivyerekeye amatagisi.

Mu kiganiro yahaye abameynyeshamakuru, kw’italiki cumi na zine, z’ukwezi kw’icumi na rimwe, prezida Obama yavuze ko yipfuza kuvugana na Romney, kugira yumvirize ivyiyumviro vyiwe, n’ukuraba ko bashobora gukorana.

Prezida Obama, yarahayagije Romney, mu gikorwa ciwe, c’ugutunganya inkino mpuzamakungu zo mu gisagara ca Salt Lake City, mu ntara ya Utah, mu mwaka w’2002.
XS
SM
MD
LG